Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Ubutungane
Ubutungane burumviriza abagirizwa urupfu rwa Hafsa MOSSI
Yanditswe taliki ya 11-11-2016 - isaha 10:47' na IGIHE

Abagirizwa urupfu rw’umushingamateka Hafsa Mossi barumvirizwa n’ubutungane mu ntara ya Muramvya kuri uwu wa gatanu. Mu gihe mu giporisi bavuga ko abo bantu bane biyemerera icaha bagirizwa, abo bagirizwa bavuga ko batazinanye.

Igiporisi c’Uburundi cemeza ko cafashe kw’igenekerezo rya 21 Mukakaro 2016, abantu batatu bagirizwa ko aribo bagandaguye umushingamateka Hafsa Mossi. Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko abo bantu bafashwe mu gihe bariko bategura kugandagura umuhanuzi wo mu biro vy’umukuru w’igihugu atavuzwe izina.

OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, amenyesha ko abajejwe umutekano bamaze gufata abo bantu, haciye hakorwa isakwa ku rugo ruri muri zone ya Mutanga, muri komine Ntahangwa, hafi y’ahagandaguriwe umushingamateka Hafsa Mossi.

Mu giporisi bakavuga ko mu matohoza bakoze, basanze abo bantu biyemerera ko bahabwa amategeko n’uburyo bwo kugandagura abantu babwiwe, mbere OP1 Pierre NKURIKIYE akavuga ko abo bafashwe biyemerera ko ayo mategeko n’uburyo bw’ukugandagura abantu babihabwa n’umurwi w’abantu bari i Kigali mu Rwanda, basanzwe bakorana n’abo bafashwe.

JPEG - 37.9 ko
Hafsa MOSSI, umushingamateka yaserukira Uburundi mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko

Umushingamateka yaserukira Uburundi mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko, Hafsa Mossi, yagandaguwe n’abantu bitwaje inkoho mu gatondo ko kw’igenekerezo rya 13 Mukakaro 2016 muri karitiye ya Mutanga Nord.

Ivyiyumviro vyanyu

ntabutungane kuri reta ya nkuru,namanyanga gusa.imana niyoyonyene izo mwishurira.

21.11.2016 à 16:57
alidi hicuburundi

Mbemwibaza kwabanyagihugu aribigugu ? abamwishe barazwe nuburyo mwacoresheje burazwi.Turabizi yuko mumeze nkawamwana yivye imboga munkono, abavyeyi bashitse ati muzinamakuru,kajisho yivyi mboga munkono,nawe niwe yazivye !,bagurukiyeko gigi !,namwe nikomume.

16.11.2016 à 07:38
mzoyihera intagoheka

UBU MUBURUNDI UMUTEKANO WIFASHE MUBURUNDI ?

14.11.2016 à 10:12
JIBATI

UBU MUBURUNDI UMUTEKANO WIFASHE MUBURUNDI ?

14.11.2016 à 10:06
JIBATI

siwewe gusa shobuja wanyu yitshe nambandi barimunzira nimutenyeny gato agahinda karinyuma

13.11.2016 à 14:34
falao

siwewe gusa shobuja wanyu yitshe nambandi barimunzira nimutenyeny gato agahinda karinyuma

13.11.2016 à 14:30
falao

Hewe ibinyoma sivyiza nimureke kubeshya kuko uwamwishe turamuzi. Population mwayihinduye ibijuju. ntitwovyemera gose.

13.11.2016 à 11:31
joseph Bunyoni

Hewe ibinyoma sivyiza nimureke kubeshya kuko uwamwishe turamuzi. Population mwayihinduye ibijuju. ntitwovyemera gose.

13.11.2016 à 11:12
joseph Bunyoni

Were wiyise domitien uramabyi gusa

12.11.2016 à 21:55
Mob

Were wiyise domitien uramabyi gusa

12.11.2016 à 21:52
Mob

Birazwi ko yishwe na Bunyoni yaco mubeshera u Rwanda

12.11.2016 à 15:51
Murundi

Abo bikoze barazwi nubwo bariko barashaka kubishira kubandi !! Umunsi haje ubutungane nyakuri canke bwo hanze tuzobashengeza

12.11.2016 à 13:44
Celestin

None Ko Abobantu Bemera Ko Batumwe Nabari Ikigali Mwumva Urwanda Rutabifisemwo Uruhara ?

12.11.2016 à 12:46
Domitien

NONE BOVUGAKO BA TAZINANYE GUTE BAVYEMERA AHUWBO BAWKIYE KO MWO BAHANA

11.11.2016 à 21:20
SAMWERI JONI ERIKE

Nakuvuga Nanje Ico Niyumvira Kur Abo bicanyi Niba IvyoBintu Bibagira Neza Atakarenganyo Kugira Baha She Ubugizi Bwinabi Nibabagirire Nkuko Bagiriye Kajrji Igihe Yahekura UbuRundi Akica Umwana Wu, Mwami. Kandi Babagiriye Nkakurya Nkeka Ubwo Bugizi Bwinabi Bwogabanuka.

11.11.2016 à 20:13
Maganya Yamwuzuyinda

nONE KO YISHWE NA rUNYONI BIZWI !!!!! TWEBWE IVYEMEZA TURABIFISE TURINDIRIYE NIYO UBUTUNGANE BUZOKORA TUZOSHIRA UKURI AHABONA BUNYONI YUZUYE AMARASO MENSHI

11.11.2016 à 18:38
WA MAKAMBA

amatohoza y’uburundi turayazi.nigute yoba avuye murwanda hama akicwa nabo.muraraba neza ntibizobagarukeko

11.11.2016 à 15:46
ntakirutimana pascal

Ewe vyo mu burundi ama nyanga yanyu turayamenyereye !

11.11.2016 à 12:00
######

Imanza zose muzoca zuzuyemwo ibinyoma nigipfungu cishi ntabwo zizunga abanyagihugu zitabunga zizorushirizaho kubacanishamwo mbere ivyo bakazogira ingaruka mbi murikazoza mbere no kuruvyaro rwanyu abarundi twari dukwiye gufata akanya tukiyumvira ukundi tukava ibizimu tukaje ibuntu ahakubabanya dusambura igihugu cacu kubwinyu zumuntu umwe canke akarwi kabantu Bari kurushi uyumusi America ifise perezida wa 45 nimurabe uko Ari igihugu giteyimbere kandi cihaye ijambo no mumakungu barundi gezaho

11.11.2016 à 11:34
tari

NIMUZE MUHANA ABANTUNKABO ARIKO URABONA UWO MUMAMABICHEPE NKICO KIREMWA CIMANA BAGIHOYIKI KANDI TWEBWE ABANYAGIHUGU KUBERA UBUTUNGANE BWUBURUNDI BUDAHANA TWEBWE ABANYAGIHUGU TVWARA UBICANYI BAHANE

11.11.2016 à 11:16
MISAGO MICHERI

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.