IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umuhuza aremera ko umwanya w’ibiganiro ushobora guhera ibibazo (...)

Umuhuza aremera ko umwanya w’ibiganiro ushobora guhera ibibazo bidaheze

mardi 5 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Abaserukiye imirwi nabo bumvirije ukwabo n’umuhuza, Benjamin MKAPA akaba yamenyesheje muri iyo nama ya bose ko aza kwakira ukwabo abanyeporitike bafise uruhara rukomeye, aho twobabwira nka Uwaserukiye Reta y’Uburundi, abahoze ari abakuru b’ibihugu, Agathon RWASA icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka, hamwe na Edouard NDUWIMANA, umuhuza w’Abarundi.

Ibiganiro bihuza Abarundi bitegekanijwe ko bizohera ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 8 Kigarama 2017, naho umuhuza yemeza ko biboneka ko ibibazo vyose vyashikirijwe n’impande zitavuga rumwe bitazoba vyatorewe umuti.

Amakuru dukura i Arusha avuga ko bimwe muvyo abaserukiye Reta bashikirije mu bikorwa vyo mu mirwi, ari uko abagirizwa ugushaka gutembagaza ubutegetsi borengutswa mu butungane, n’ikibazo c’uguhinyanyura ibwirizwa shingiro ntikije muvyo baganira, kuko kubw’abaserukira Reta y’Uburundi n’abayishigikiye, iyo ngingo yafashwe n’igihugu c’Uburundi cigenga. Abaserukira Reta y’Uburundi ntibemera kandi ishirwaho rya Reta y’ubumwe ihuza bose, kuko nk’uko babishikirije, iyo Reta yoba isambuye ivyavuye mu matora.

Ku ruhande rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, mu bikorwa vyo mu mirwi bakoraniyemwo, basavye ko ivy’uguhinyanyura ibwirizwa shingiro vyohagarikwa, abapfunzwe bagirizwa poritike barekurwe, imitahe irondeza abanyeporitike hamwe n’abadaharanira ivyicaro vya poritike ikurweho, hamwe n’ukwubahiriza ibiringo vy’umukuru w’igihugu biri mu masezerano y’i Arusha. Basaba kandi iyugururwa ry’amaradiyo yugawe, hamwe n’ugusubira gukora kw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yahagaritswe.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga kandi ko muri ivyo biganiro bokwiga ibijanye n’umutekano no hamwe n’ugushiraho umugwi utegura amatora wizewe.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.