IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe CNDD-FDD urashimishwa n’ivyavuye mu matora y’ibwirizwa (...)

Umugambwe CNDD-FDD urashimishwa n’ivyavuye mu matora y’ibwirizwa nshingiro

mardi 22 mai 2018

Mu kiganiro umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Evariste NDAYISHIMIYE, yahaye abamenyeshamakuru kur’uno wa kabiri igenekerezo rya 22 Rusama 2018, amenyesha ko washimishijwe n’ihiganwa ryabaye hagati ya EGO na OYA mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yabaye kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018.

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD amenyesha ko umugambwe arongoye ushima ko n’abatatoye Ego baronse akaryo ko kwigisha ivyiyumviro vyabo, ariko ukabipfuriza kubandanya ingendo y’intwaro rusangi mu kwemera aho intahe ishize.

Evariste NDAYISHIMIYE,arongoye umugambwe CNDD-FDD ku rwego rw’igihugu, avuga ko , igenekerezo rya 17 Rusama 2018, ari umunsi udasanzwe, kuko ari igenekerezo abarundi biciriye inzira ya kazoza.

Umunyamabanga mukuru w’ umugambwe CNDD-FDD avuga ko, intsinzi ya Ego atari intsinzi y’Umugambwe uyu canke uriya , ariko ari intsinzi y’abarundi bose, kikaba kandi ikimenyetso kitabesha cerekana ko intwaro rusangi imaze gushinga imizi mu Burundi.

Muri ico kiganiro, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, amenyesha ko igenekerezo rya 17 rusama 2018 ryinjiye mu masango ntibagiranwa mu gihugu c’Uburundi, ukaba umunsi w’intsinzi y’intwaro rusangi nyakuri, intsinzi y’ineza y’abenegihugu bamye baharanira, rikaba kandi icibutso c’ukwikukira burundu kw’igihugu c’Uburundi.

JPEG - 37 ko
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, amenyesha ko umugambwe arongoye ubona ko itorwa ry’ibwirizwa nshingiro rishasha ari intambwe ikomeye mu gihe c’intwaro rusangi abanyepolitique badashobora gufata minenerwe, ari naco gituma ibiganiro biba hagati yabo navyo nyene vyoba ivyo gukomeza iyo ntwaro rusangi.

Evariste NDAYISHIMIYE avuga ko, inyuma y’itorwa ry’ibwirizwa nshingiro rishasha, abanyepolitike boca bafata ingingo, bagasubira kwicarana vuba kugira ngo batunganye inzira izodushikana ku matora ya 2020.

Ku mugoroba wo kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 21 Rusama 2018, niho umurwi CENI washira ahabona ibiharuro mfatakibanza vy’ivyavuye mu matora y’ibwirizwa nshingiro, aho Ego yatsinze ku majwi 73,18 kw’ijana, mu gihe Oya yaronse amajwi 19,6 kw’ijana.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.