Umugambwe CNDD FDD wasavye indishi Melchiade NZOPFABARUSHE

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 1er Rusama 2018 saa 10:35
37995
1 0

Umugambwe CNDD FDD wasavye ubutungane ko umunywanyi w’uwo mugambwe Melchiade NZOPFABARUSHE, apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuva kuri uwu w’Imana, ko yotanga indishi kuvyo yashikirije kuri uwo mugambwe.

Uwo mugambwe uri ku butegetsi mu Burundi wabishikirije mu ntahe yo kuri uwu wa mbere, mw’ibohero rikuru rya Mpimba, aho Melchiade NZOPFABARUSHE yariko aburanishwa ikibiriraho, ku vyaha yagirizwa bigizwe n’ugutanga ubutumwa burimwo gutera ubwoba, ukugumura, gukwiragiza ibihuha bituma abantu bahunga, guteranya abanyagihugu n’ubutegetsi, hamwe n’uguhungabanya umutekano w’igihugu.

Muri urwo rubanza, umugambwe CNDD FDD wari warungitse umushingwamanza gusaba indishi ku majambo yashikirijwe na Melchiade NZOPFABARUSHE, arimwo iterabwoba ku batavuga rumwe n’ubutegetsi.

Nk’uko vyashikirijwe n’uwo mushingwamanza, imvugo y’uwo asanzwe atwara imvukira za komine Kabezi yateranije abanywanyi ba CNDD FDD n’abandi batari muri uwo mugambwe, uwo mugambwe ukavuga ko hakenewe indishi z’ukuja aho vyavugiwe, gutekanya imitima. Uwo mushingwamanza yasavye indishi y’umuriyoni w’amafaranga y’amarundi.

Inyuma y’umwiherero w’abacamanza wamaze nk’iminota mirongo itatu, Sentare yafashe ingingo ko ivy’iyo ndishi umugambwe CNDD FDD uzobisaba hanyuma, kuko umushingwamanza w’uwo mugambwe atari yaje yitwaje impapuro zikwiye zimuha uburenganzira bw’ukuburana.

Melchade NZOPFABARUSHE yaciriwe umunyororo w’imyaka itatu.


Kumenyekanisha

1
SINDAYIGAYA Megelde 16-05-2018 à 20:56

Jewe nkurikirana amakuru kuri internet ndi tanzania ku makuru yuyo BAZOPFABARUSHE leta ndi baza ko yari kwiye kumuha ikindi gihano kugisa na bandi biyumvira gukora ivyaha nkivyo bibe icigwa kuribo

2
Namahinyu 3-05-2018 à 17:32

@Manariyo
Reka kuvuga Mugesera nawe uri we!

3
Mama 1er-05-2018 à 16:20

CND FDD muri abagabo iyohagize umwemurimwebwe avuga ibidasa nintumbero yanyu muramwiyamiriza, arikwabandi harabusanga iyo umubwanyiwabo niyogokubita umuntu bakanucira urubanza ucawumvango umunwanyi wacu bamuhoye ivya politique!

4
Manariyo 1er-05-2018 à 15:53

CNDD ngo yasavye indishi z’akababaro! murekere Ngaho gukina Théatre, ivyanyu birazwi ahubwo Nzopfabarushe yamernye ibanga, ninako vyagenze muri 1992 mu Rwanda, Leon Mugesera abivugira ku Kabaya,hama muri 1994 Genocide ica iraba

5
Busurahende 1er-05-2018 à 11:38

Oya ntibamwigarame ngo n’uko yabameneye agatabi. Ibintu yavuze vyoooose ni ibimaze imyaka 3 bishirwa mu ngiro n’uwo mugambwe.

6
NTIRAMPEBA 1er-05-2018 à 11:00

C D D - F D D nihane n imbonerakure zigenza nabi batazitumye nakamaramaza !

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha