IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umugambwe MSD wipfuza ko imanza zaciwe hatisunzwe amategeko (...)

Umugambwe MSD wipfuza ko imanza zaciwe hatisunzwe amategeko zisubirwamwo

mardi 26 Nyakanga 2017

Mw’ikete umugambwe MSD wandikiye abanywanyi bawo ryo kuwa 25 Nyakanga 2017,uwo mugambwe umenyesha ko abatari bake mu barundi bihebuye kubera uko imanza zicibwa.

Kubw’umugambwe MSD icosubiza ishusho nziza ubutungane n’uko imanza zaciwe hadakurikijwe amategeko zosubirwamwo,inyuma y’igenwa ry’umurwi w’abahinga bigenga bogenzura imanza zaciwe hatisunzwe amategeko, maze zigasubirwamwo.

Naho mu mugambwe MSD bavuga ko ibikorwa vy’ubutungane bidashinishije,kuwa gatanu igenekerezo rya 22 Nyakanga 2017,hugururwa umwaka w’ubutungane 2017-2018,yaba umukuru w’igihugu ,yaba umushikiranganji w’ubutungane ,yaba umushikirizamanza kizigenza wa Republika canke umukuru wa sentare ntahinyuzwa, barashimye igikorwa c’ubutungane mu Burundi.

Mw’ijambo yashikirije,umukuru wa sentare ntahinyuzwa yavuze ko umwaka w’ubutungane 20165-2017 waranzwe n’umwimbu mwiza kuko hari imanza nyinshi zaciwe n’amategeko agenga ingene imanza zandikwa yakurikijwe neza.

Umukuru wa sentare ntahinyuzwa yavuze ko ku madosiye 23284 y ‘imanza zategerezwa kuburanishwa ayashika 15261 n’ukuvuga ibice 65,54 kw’ijana zaraburanishijwe.

Umukuru wa sentare ntahinyuzwa yasavye abacamanza gushiramwo inguvu n’ubwira kugira umwimbu mu mwaka w’ubutungane 2017-2018 uzobe mwiza kurusha uwo mu mwaka wa 2016-2017.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.