IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe SAHWANYA FRODEBU ntuzotora ibwirizwa shingiro uvuga ko ryaka (...)

Umugambwe SAHWANYA FRODEBU ntuzotora ibwirizwa shingiro uvuga ko ryaka ubushobozi abatowe

jeudi 3 Rusama 2018, par Egide NDUWIMANA

Muri SAHWANYA FRODEBU bavuga kandi ko mu nteguro y’ibwirizwa shingiro rishasha, ingingo ya 116 itubahirijwe, iyo nayo ikaba yatanga ububasha ku nama nshingamateka na nkenguzamateka bwo guhagarika umukuru w’igihugu mu mabanga yiwe, mu gihe biboneka neza ko yagirizwa amakosa akomeye, harimwo guhemukira igihugu.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu gatondo ko kuri uwu wa kane, Leonce NGENDAKUMANA, icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU yamenyesheje ko iyo nteguro y’ibwirizwa shingiro rishasha yaka uburenganzira inama nshingamateka na nkenguzamateka, mu bijanye n’ugutora amategeko, ikabuha umukuru w’igihugu. Leonce NGENDAKUMANA yatanze akarorero k’ingingo y’202 y’iyo nteguro.

"Mu nteguro y’ibwirizwa shingiro, ingingo ya 202 mu gace kayo ka kane ariko gaherezakandi gashasha, kavuga ngo : Mu gihe c’iminsi 30 umukuru w’igihugu ashimye kudashira umukono wiwe ku nteguro y’ibwirizwa ryamaze kwemezwa n’inama nshingamateka na nkenguzamateka, iryo bwirizwa rica riba impfagusa. Iyumvire namwe, none twemere twikureko ububasha twahorana tubushire mu minwe y’umuntu umwe rudende? None dufate ko abo twitoreye ngo baduserukire ata jambo bagifise? Kwoba ari ukudaha agaciro amatora y’abaduserukira mu nzego nshingamateka na nkenguzamateka."

Leonce NGENDAKUMANA yemeza kandi ko iyo nteguro nshasha y’ibwirizwa shingiro izokomeza ukudahana ivyaha, kuko mu gihe iyo nteguro yotorwa, ata murundi n’umwe ashobora kuzoshikirizwa ubutungane mpuzamakungu. Kubwa Leonce NGENDAKUMANA, iyo ngingo ya 50 ifitaniye isano n’amatohoza Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yatanguje ku Burundi.

"Ntawobideha iyo ngingo nshasha ije kugira hahagarikwe amatohoza yari yatangujwe na Sentare mpanavyaha mpuzamakungu CPI ku mabi abarundi bakorewe. None twemere abenegihugu bazoze barakorerwa amabi y’agahomerabunwa, hanyuma abayakoze bagume bidegemvya mu gihugu atawukakaza? Ko biboneka neza ko ubutungane bwo mu Burundi busa n’ubwamaze kurengerwa bizogende gute?

JPEG - 46.4 ko
Leonce NGENDAKUMANA, icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU

Icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU avuga ko gutora "OYA" kuri uwo mugambwe bisigura kubandanya kwubaka Uburundi butekanye, burangwamwo ugusabinya ivy’igihugu gitunze.

"Bisigura kwanka gukumira abandi, bisigura kandi ko umuntu wese azokora ivyaha aho azinyegeza hose azoronderwa agahanwa naho azoba ari umutegetsi angana gute. Bisigura kandi ko tutemera gusubira mu ntwaro y’umugambwe umwe"

Itegeko ry’umukuru riratanga uburenganzira ku biyandikishije mu murwi CENI bw’ukwigisha ugutora "EGO" canke "OYA". N’aho imigambwe yose yiyandikishije yemerewe kwigisha abanywanyi bayo ico bazotora, Leonce NGENDAKUMANA ntanyegeza amakenga afise ku mutekano w’abazokwigisha gutora "OYA", akaba mbere mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru atashimye gutanga ikirangaminsi c’imyiyamamazo y’umugambwe SAHWANYA FRODEBU, ku mvo z’umutekano, nk’uko yabishikirije.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.