IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umukenyezi wa nyene ubunywero Chez Andre asaba ko uwiwe arekurwa

Umukenyezi wa nyene ubunywero Chez Andre asaba ko uwiwe arekurwa

mercredi 4 Nzero 2017

Umukenyezi wa nyene ubunywero chez Andre aho uwahoze ari umushikiranganji w’ibidukikije yateramiye ubwa nyuma imbere yuko yitaba imana arasiwe imbere yaho yaba muri zone ya Rohero asaba ko nyene ubunywero n’abakozi babibiri barekurwa kuko amatohoza ashoboka bidegemvya.

Veina Stam amenyesha ko bumvise urupfu rwa Emmanuel Niyonkuru batangaye nkabandi bose bumvise urupfu rwiwe mu gatondo ko kuw’Imana igenekerezo rya 1 Nzero 2017.

Uwo mukenyezi amenyesha ko umushingantahe wiwe aho apfungiwe abayeho nabi, ariko ko inyuma yo kugerageza bikanka yahavuye aronswa uburenganzira bwo kumuha imatera aryamako.

Veina Stam asaba ko umushingantahe wiwe yopfungwa mu buryo bubereye kuko asanzwe afise n’indwara zivuye ku busaza.

Arangiza amenyesha ko kuba umushikiranganji yarasiwe ku rugo iwe , nyene ubunywero n’abakozi bakora mu bunywero atabona ingene boba babifisemwo uruhara.


IGIHE

Messages

  • Nakarenganyo gakomeye ntabwo woba muhira urikukazi kawe, munyuma uwiciwe muhiriwe, ngo bigaruke kuwo bitarikumwe mwakokanya kokwicwa!? abo bakozi hamwe nashebuja wabo bariko babonerwa gusa, ntibitangaje iyigihugu kitagira amategeko niko vyama vyagenze. Ntakundi bihangane Imana yomwijuru irikumwe nabo.

  • none yukumudamu wiwe avugayukoaho apfungiwe afatwanabi bamufata gute inyishu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.