Umukozi wa ACAT Burundi yaciriwe umunyororo w’imyaka 32

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 28 Ndamukiza 2018 saa 03:00
21495
0 0

Sentare nkuru ya komine Ntahangwa yaciriye igihano c’ugupfungwa imyaka 32 Germain RUKIKI yahora akorera ishirahamwe ACAT Burundi rijejwe kurwanya ihohoterwa ry’abantu.

Germain RUKUKI yagirizwa ko yifadikanije n’abashatse gutembagaza ubutegetsi, kandi ko yagize uruhara mw’iyicwa ry’abaporisi n’abasirikare bagandaguwe kuva kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015, umunsi haba ugushaka gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Sentare yari yamusabiye gupfungwa ubuzima bwiwe bwose, ariko igihano yahawe kikaba ari ic’umunyororo w’imyaka 32.

Germain RUKUKI yari yahagaritswe kw’igenekerezo rya 13 Mukakaro 2017, akaba apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Ngozi.

JPEG - 36.8 ko
Germain RUKIKI yaciriwe umunyororo w’imyaka 32

Kumenyekanisha

1
Mama 29-04-2018 à 18:25

Nukuri yaramenje mbese yoyaba aribikunda nishirahamwe mpuzamakungu riharanira agategakazinamuntu ribaryaranatanze ubutungane bwuburundi rikamuha ibihano kuko yaratukishije iryoshirahanwe riharanira agatekakazinamuntu kubona yubahuka guharanira agateka kabamwe agahwatagaza a

2
Nyica Nick 29-04-2018 à 00:02

Ico gihano nig itoya yagomba gufungwa ubuzima bwiwe bwose mbega izofumvyi nabapfakazi wewe umuryango wiwe harico ubaye .32 ejo bundi uzumva ngo yavuyeyo.

3
Kuri 28-04-2018 à 23:45

Imvura izohita ncuti ihangane

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha