Umuyobozi w’ibohero rikuru rya Bubanza yinjiye Mpimba

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 23 Gitugutu 2017 saa 07:02
Yasomwe : 20052
0 0

IRAMBONA Yves Kevin, Umuyobozi w’ibohero rikuru rya Bubanza yaraye ijoro ryiwe rya mbere kuri uwu wa mbere mw’ibohero rikuru rya Mpimba i Bujumbura. Yafashwe ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 23 Gitugutu 2017. Inyuma y’ukwumvirizwa umwanya muto na Parake nkuru ya Bubanza, yaciye ajanwa mw’ibohero rikuru rya Bubanza. Imvo z’ifatwa ryiwe ntiziramenyekana.

Uwo arongoye ibohero rikuru rya Bubanza afashwe inyuma y’aho umwe mu banyororo baserukira abandi mw’ibohero rikuru rya Bubanza, NDIKUMANA Samuel, afashwe kuri uwu wa gatandatu ariko agura inkoho hanze y’ibohero.

Uwo ari mu murwi w’abaserukira abandi banyororo, abo bita aba "Généraux", yafashwe ariko aharura amafaranga ibihumbi mirongo itanu vy’amarundi (50 000 Frs Bu) yashaka kuriha uwumuzaniye inkoho yo mu bwoko bwa "Pistolet."

Inyuma y’ugufatwa hamwe n’ukwumvirizwa n’igiporisi, uwariko agurisha iyo nkoho yamenyesheje ko uwo munyororo NDIKUMANA Samuel yari yamutumye inkoho zitandatu zo mu bwoko bwa "Pistolet", hamwe na Gerenade zitandatu nyene, ariko ko yari yabaye arazana iyo nkoho imwe ya mbere yaronse.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha