IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umukuru w’umugambwe RANAC yarekuwe

Umukuru w’umugambwe RANAC yarekuwe

mercredi 28 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Amakuru atangwa n’abegereye Aloys BARICAKO avuga ko yari yafashwe kugira abazwe ku bijanye n’inama y’urunani CNARED yahoramwo mu gihugu c’Ububirigi.

Georges NIKIZA, umuvugizi w’umugambwe RANAC yari yamenyesheje kuri uwu wa kabiri ko Aloys BARICAKO, umukuru w’uwo mugambwe yafashwe ku mugoroba wo kuri uwu wa mbere n’iperereza mu ntara ya Karusi, akaba yari yaraye mu gasho k’iperereza i Gitega. Aloys BARICAKO yafatiwe hamwe na Petero KUGIRWA arongoye umugambwe CDP (Conseil Des Patriotes).

Aloys BARICAKO yari yafashwe mu gihe yari agiye gushingura inakuru yitavye Imana i Karusi.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.