Accueil > Amakuru > Poritike > Umukuru w’umugambwe RANAC yarekuwe
Umukuru w’umugambwe RANAC yarekuwe
mercredi 28 Ntwarante 2018, par
Amakuru atangwa n’abegereye Aloys BARICAKO avuga ko yari yafashwe kugira abazwe ku bijanye n’inama y’urunani CNARED yahoramwo mu gihugu c’Ububirigi.
Georges NIKIZA, umuvugizi w’umugambwe RANAC yari yamenyesheje kuri uwu wa kabiri ko Aloys BARICAKO, umukuru w’uwo mugambwe yafashwe ku mugoroba wo kuri uwu wa mbere n’iperereza mu ntara ya Karusi, akaba yari yaraye mu gasho k’iperereza i Gitega. Aloys BARICAKO yafatiwe hamwe na Petero KUGIRWA arongoye umugambwe CDP (Conseil Des Patriotes).
Aloys BARICAKO yari yafashwe mu gihe yari agiye gushingura inakuru yitavye Imana i Karusi.
Egide NDUWIMANA