Umukuru wa Sentare isubiramwo imanza ya Gitega ari mw’ibohero yasubirijwe

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 17 Ndamukiza 2018 saa 08:47
8820
0 0

Inama nkenguzamateka y’Uburundi yemeje kuri uwu wa mbere izina ry’uwugiye kuba umukuru wa Sentare isubiramwo imanza ya Gitega. Jean SINDAYIZERUKA umuhutu wo mu ntara ya Bujumbura niwe mukuru mushasha w’iyo Sentare, akaba afashe ikibanza ca Thomas NTIMPIRANGEZA apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba i Bujumbura.

Iyo ngingo y’ugusubiriza uwo mukuru wa Sentare isubiramwo imanza ya Gitega ifashwe inyuma y’aho Sentare ntahinyuzwa yemeje ukugumizwa mw’ibohero kwa Thomas NTIMPIRANGEZA yahoze ari umukuru wa Sentare y’iyungururizo ya Gitega, ubu apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba i Bujumbura.

JPEG - 29.7 ko
Thomas NTIMPIRANGEZA yahoze ari umukuru wa Sentare y’iyungururizo ya Gitega

Thomas NTIMPIRANGEZA yafashwe kw’igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2018, akaba yagirizwa ko yanyuruje isima yari yatanzwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu, kugira ikoreshwe mu kwubaka ikibuga c’umupira w’amaguru mu ntara ya Karusi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha