IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Umukuru wa komine Busiga ari mw’ibohero

Umukuru wa komine Busiga ari mw’ibohero

lundi 8 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Romain Ndagabwa, Musitanteri wa komine Busiga mu ntara ya Ngozi abarizwa mw’ibohero kuva mu gatondo ko kuri uwu w’Imana.

Yagirizwa ko ariwe yatanze uruhusha ku badandaza, rw’ukugura ikawa abarimyi batabanje guyicisha mw’itonorero, nk’uko ikigo ARFIC kijejwe gukurikirana ivy’ikawa kibisaba.

Uwo mukuru wa komine Busiga akaba apfungiwe mw’ibohero rikuru ry’i Ngozi. Umutahe w’ukumuhagarika wasohotse mu gihe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu hafashwe imifuko y’ikawa yari itwawe kudandazwa mu kinyegero, mu gihugu c’Urwanda. Iyo kawa yafatiwe muri komine Kabarore, intara ya Kayanza.


IGIHE

Messages

  • Kabarore Ntiri Mu Ntara Ya Ngozi Iri Mu Ntara Ya Kayanza.Ikindi Ntiyatanze Uruhusha Rwo Kugura Ikawa Yatanze Uruhusha Rwo Kugura Ibisorwa Abenegihugu Baba Batonoye Kubera Kwizine Batabigura Abanyagihugu Rero Baca Babisya Bakavyanikira Hanyuma Bakabigurisha.

  • EREGA IGIHUGU GITEGEREZWA KUJA KUMURONGO NIBATOHOZA BAGASANGA SIVYO UBUTUNGANE BUZOMWEZA .

  • Bamuraharana muzihonya

  • NONETAKUTUMWODUFASHA MUNKATURUGIKIRA AMAHERA TWEGETURIMUMUMBABARO MWISHICANE MWOSHOBORAKUTURUGIKIRA KUYUMUHORANYENE INYISHU KOBISHOBOKA UMUROBAMUKOZE?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.