IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umumenyeshamakuru Judith BASUTAMA wa BBC yumvirijwe amasaha ane muri (...)

Umumenyeshamakuru Judith BASUTAMA wa BBC yumvirijwe amasaha ane muri Sentare

mercredi 21 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Umushingwamanza Eric NTIDENDEREZA ntashima ariko kuvugira ku mugaragaro ibiri muri iyo nkuru yatumye umumenyeshamakuru Judith BASUTAMA arengutswa mu butungane.

"Umushikirizamanza yatubwiye ko bakiriko barabandanya amatohoza, nico gituma ata vyinshi bivugwako."

JPEG - 63.7 ko
Umushingwamanza Eric NTIDENDEREZA

Imbere y’uko arengutswa mu butungane, Judith BASUTAMA yabanje kwumvirizwa n’urwego CNC rujejwe kugenzura itangazamakuru, akaba yabajijwe ku makuru yakoze. Umushingwanza wiwe ntabihakana :

"Kuva iyo nkuru ivuzwe, ni irya mbere yari ahamagawe mu butungane, ariko niyaba hari ahandi yoba yari yarahagawe, ntitwibaza ko ari butungane, hashobora kuba ari ahandi mu bijanye n’akazi akora ka minsi."

Umushingwamanza Eric NTIBANDETSE, afasha kuburana Judith BASUTAMA amenyesha ko uwo aburanira yishuye ibibazo vyose yabajijwe, bakaba barindiriye irindi sango bazohabwa n’ubutungane ry’ugusubira kurenguka.

"Batubwiye ko bazosubira kudutumako, tuzorindira umutahe nk’uko bari babigenjeje."

JPEG - 107.7 ko
Judith BASUTAMA (i bubamfu) yari yaherekejwe n’umushingwamanza wiwe Eric NTIDENDEREZA

Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.