IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umumenyeshamakuru Judith BASUTAMA wa BBC yarengutse mu butungane

Umumenyeshamakuru Judith BASUTAMA wa BBC yarengutse mu butungane

mercredi 21 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Kuri Sentare nkuru ya Mukaza, igihe c’isaha zitatu zibura, umumenyeshamakuru Judith BASUTAMA yari yashitse. Kw’isaha zine zirenga iminota 15, ntiturashobora kumenya urubanza rukurikirana uwo mumenyeshamakuru, akaba ariko yumvirizwa n’abamutumyeko.

Umutahe wo kurengutsa uwo mumenyeshamakuru wateweko umukono n’umushikirizamanza Alexis BANDYATUYAGA kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 19 Ntwarante 2018, umenyesha ko arengukishijwe ku mvo z’amatohoza.

JPEG - 71.4 ko
Umutahe w’ukurengutsa mu butungane Judith BASUTAMA

Imbere y’uko arengutswa mu butungane, Judith BASUTAMA yabanje kwumvirizwa n’urwego CNC rujejwe kugenzura itangazamakuru, akaba yabajijwe ku makuru yakoze. Uwo mumenyeshamakuru avuga ko yari yashimye ingene yaganiriye na CNC, akaba adatahura urundi rubanza rwoba rumukurikirana.

Ibijanye n’ivyo yabajijwe, turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.

JPEG - 21.6 ko
Judith BASUTAMA, umumenyeshamakuru wa BBC akorera i Bujumbura

IGIHE

Messages

  • ahamuburundi ntabutunganebuhari ndababaze aharubutungane bokwicumuntu ngonukwatiyandikinshije . ngohamamuburundingoharubutungane nahombahora nkuwomumenyeshamakuru bamuronderakwiki

  • Andika hano hamakyvugako atabutungane buharimuburundi ahoburireronihe?gusingoranedufisabarundinukivyotubonangonibibi atabarivyobibi kandunurundiniweyavuzati:ugayuruhu arigoruguhayinyama

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.