Umurundi yahora aba muri Amerika yagirizwa ubwicanyi yarungitswe mu Burundi

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 24 Ntwarante 2018 saa 11:23
63015
0 0

Umurundi azwi kw’izina rya NKURUNZIZA Clément yahora aba mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika yashitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura kuri uwu wa kane, yirukanwe muri ico gihugu yahora abamwo, nk’uko vyemezwa n’igiporisi c’Uburundi. Uwo murundi yashikiye mu minwe y’igiporisi kubera ivyo yagirizwa.

Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko Clément NKURUNZIZA ariko abazwa kuvyo yagirizwa ko afise uruhara mu bwicanyi bwakozwe kuri Kaminuza y’Uburundi mu mwaka w’1995.

Uwo murundi yirukanwe muri Amerika mu gihe vyari vyasabwe ko yoshikirizwa ubutungane bw’Uburundi kugira bumubaze kuvyo yagirizwa.

JPEG - 10.8 ko
Clément NKURUNZIZA yahora aba muri Reta zunze ubumwe za Amerika yashitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura, yakirwa n’igiporisi c’Uburundi

Petero NKURIKIYE avuga ko ku mpapuro yaje afise, berekana ko yirukanwe kubera yaba muri Reta zunze ubumwe za Amerika adafise impapuro zimuha uburenganzira bw’ukuba muri ico gihugu.

Mu giporisi bavuga ko amatohoza niyahera, Clément NKURUNZIZA azoshikirizwa ubutungane.


Kumenyekanisha

1
NGENDAMBIZI Jonathan 28-03-2018 à 08:01

Clément NKURUNZIZA aravugwa cane kuva muri 1995 mu bijanye n’igandagurwa ry’abanyeshure kuri KAMINUZA Y’UBURUNDI muri uwo mwaka.

2
kankindi 24-03-2018 à 16:07

ntaco yobona nimumuhashe uwo mwicanyi nabandi barimunyuma

3
Mbirizi-Ntakugugumwa? 24-03-2018 à 13:13

Nivyiza kuba AMERIKA yaturungikiye uwo mwicanyi,ahubwo nabamwe bagirizwa coup-d’état hamw n’imigumuko ko bozanwa vyihuta intahe ikabokera.hama twebwe abarundi uwudukoze mu mutwe ntaramba kubw’Imana yacu twubaha ok namw abarundi muzomukorere dossier ikwiriye ahanwe.murakoze

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha