IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Umushikiranganji w’Ubudandaji asaba abashaka gukora urudandazwa rwo (...)

Umushikiranganji w’Ubudandaji asaba abashaka gukora urudandazwa rwo mw’ibarabara kwiyandikisha

vendredi 30 Kigarama 2016

Umushikiranganji w’ubudandaji n’amahinguriro Pelate Niyonkuru amenyesha ko abadandaza batembereza ibidandazwa bahawe amezi atandatu yo kurondera impapuro zibaha uburenganzira bwo gukora urwo rudandazwa. Amenyesha ko izo mpapuro zitangwa ku buntu mu makomine abo badandaza babamwo.

Pelate Niyonkuru arongoye ubushikiranganji bw’ubudandaji n’amahinguriro akamenyesha ko ibidandazwa nk’imiti,ibikoko n’ibiterwa bikoreshwa mu buvuzi,ibihinguwe mu mabuye y’agaciro,ibinyobwa bikoreshwa mu masengero ,ibikoresho vya REGIDESO n’ibindi,ivyo bitarekuwe kudandarizwa mw’ibarabara.

Umushikiranganji w’ubudandaji n’amahinguriroavuga ko iyo ngingo yafashwe kubera ko hari abadandaza bariha amakori n’amatagisi badandaza nkivyo bidandazwa nyene ,mu gihe ababidandaza mw’ibarabara bobo batariha amakori.

Pelate Niyonkuru ahamagarira abashaka bose gukora urudandazwa rwo mw’ibarabara kwandika ikete basaba guhabwa uburenganzira bwo gukorera urwo rudandazwa mw’Ikomine babamwo.


IGIHE

Messages

  • non iryoket tworyandik gut?tworihand

  • Nyakubahwa mushikiranganji ahubwo mwari kubaronderera ikibanza bakorera mwo nayo ivyo kubarungika gusaba impapuro muri commune urazi ko atazo bazoronka.kuko na karangamuntu urazi amafaranga aja muri commune yakwa Ariko hari naho baka ibihumbi 10000 .jew mbona mwobaha aho bakorera nabo bagatanga amatagisi atavunanye yo gusahuriza igihugu .Erega nuko mwebwe muri hejuru mutazi ibibera mu ma commune.mugihe mutarugurura urugamba kubarya ibiturire nabanyonora amatungo ya leta nka kukurya bigenda kubagumutsi nabahungabanya ubutegetsi umunyagihugu nyarucari we aracahabaye nk umwatsi w ’indaro.

  • Ndabashimiye can IMANA ibahezagir kubona twebwe bubudyo buk mutwiyumviriy kotwokora tugaterimber tugatezimber namakomin yacu IMANA yame ibaha umugisha murakoze!!ndumva ndabishimiy can.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.