Umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu yagabishije abadandaza banyegeza igitoro

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 7 Ruheshi 2017 saa 08:26
Yasomwe : 4338
0 0

Umushikiramnganji w’amasoko ntanganguvu,ubutare n’agataka Come MANIRAKIZA asaba abadandaza igitoro bose ko kuva kuri uyu wa kane igenekerezo rya 8 Ruheshi 2017,botanga igitoro ku giciro kizwi n’amategeko.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku muhingamo wo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 7 Ruheshi 2017,umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu,amasoko ntanganguvu yamenyesheje ko kuva kuri uno wa kane ku bituro vyose bidandaza igitoro hazoba handitse ko bariko baratanga igitoro canke batariko baragitanga.

Muri ico kiganiro umushikiranganji Come MANIRAKIZA yagabishije abadandaza igitoro ko abo bose bashira igitoro mu bubiko baciye inyuma y’amategeko bazohanwa hisunzwe amategeko.

Umushikiranganji w’Amasoko ntanganguvu,ubutare n’agataka asaba abadandaza igitoro kwama bafise igitabo bandikamwo igitoro cinjiye n’igisohoka.

Haraheze hafi amezi abiri hibonekeza ubukene bw’igitoro mu gisagara ca Bujumbura, no hagati mu gihugu.


Kumenyekanisha

1
Edy 8-06-2017 à 15:24

murakoz Mugabo Ino Amastation Yumye Kera Il Ya Deux Semaines

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha