Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umushikiranganji w’ubutungane asaba abafasha gufasha abana bave (...)
Umushikiranganji w’ubutungane asaba abafasha gufasha abana bave mw’ibarabara
mardi 14 Ntwarante 2017
Umushikiranganji w’ubutungane Aimee Laurentine KANYANA ahamagarira abafasha mu gisata co guteza imbere agateka k’abana gufasha kugira abana bo mw’ibarabara bakurikiranwe bari mu bigo.
Mw’ijambo yashikirije kuri uno wa mbere igenekerezo rya 13 Ntwarante,umwaka wa 2017,mu gihe abana 18 bahora bapfungiwe mu bigo bitandukanye biri mu gihugu, Aimee Laurentine Kanyana yarashimiye abafasha bose mu gisata co gukingira abana mu Burundi.
Umushikiranganji w’ubutungane Aimee Laurentine Kanyana yasavye abana bari bahejeje kurekurwa kwirinda abahanuzi babi bobasubiza mu bikorwa vy’ubugizi bwa nabi, bashire imbere ariko ibikorwa vy’iterambere.
Mwomenya ko abo bana 18 barekuwe mu ntumbero yo gushira mu ngiro ,ikigongwe c’umukuru w’igihugu, ku bapfungwa baciriwe imyaka itanu n’iyiri munsi yayo yo gupfungwa.
IGIHE
Messages
14 Ntwarante 2017, 22:40, par Hicuburundi
Mupfaso ngo abafasha?kandi DD mwikwije?murasaba abo mwimye,Union Europeene ntimuzoyicarukana, fimbo chapa
15 Ntwarante 2017, 15:47, par Niyongabo Lubin
Nukubiraba Agateka Kabana Gakingwe Cane Cane Abari Mwibarabara Mubahe Icobakora Cobateza Ibere