Umuco ku bivugwa ku mushikirizamanza Alexandre Barampahije abarizwa muri Amerika

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 10 Gitugutu 2017 saa 11:48
Yasomwe : 34056
0 0

Umushikirizamanza mukuru akukira Sentare isubiramwo imanza i Bujumbura abarizwa mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika. Amakuru acishwa ku mbuga ngurukanabumenyi avuga ko yahunze canke yataye akazi, ariko mu bushikiranganji bw’ubutungane bamenyesha ko hataragera kuvyemeza, kuko ari mu karuhuko kazwi n’amategeko (Congé annuel).

Amakuru atangwa n’abegereye Alexandre BARAMPAHIJE aremeza ko uwo mushikirizamanza mukuru akukira Sentare isubiramwo imanza i Bujumbura ari mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika, ariko ko asanzwe afise akaruhuko.

Mu bushikiranganji bw’ubutungane bavuga ko atawokwihutira kuvuga n’ukwemeza ko Alexandre BARAMPAHIJE yataye akazi, kuko n’ako karuhuko kiwe yasavye katarahera.

JPEG - 10.2 ko
Alexandre BARAMPAHIJE, umushikirizamanza mukuru akukira Sentare isubiramwo imanza i Bujumbura

Eliançon BIGIRIMANA, umuvugizi w’ubwo bushikiranganji amenyesha ko kugira bemeze ko yataye akazi, ari uko akaruhuko kiwe kazoba kaheze, agahabwa n’ikiringo ntarengwa c’ukuba yagarutse ku kazi, mbere bakanamugabisha mu matangazo acishwa ku nsamirizi zitandukanye, iyo umukozi wa Reta bamubuze ku kazi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha