IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umuyobozi w’ibohero rya Bubanza yagirizwa gutorokesha abanyororo bakora (...)

Umuyobozi w’ibohero rya Bubanza yagirizwa gutorokesha abanyororo bakora ivyaha hanze y’ibohero

mardi 24 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

IRAKOZE Yves Kevin yafashwe kuri uwu wa mbere nk’igihe c’isaha zitandatu z’umurango, ajanwa muri Parake ya Bubanza, akaba yumvirijwe n’icariho c’umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Bubanza.

Richard NDAYISABA, umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Bubanza amenyesha ko hari abanyororo babiri batorokeshejwe n’uwo muyobozi w’ibohero rikuru rya Bubanza, umwe muribo yari amaze gucirirwa urubanza rw’umunyororo w’imyaka 20 akaba yafashwe kuri uwu wa gatandatu ariko agura inkoho hanze y’ibohero.

Umushikirizamanza wa Repuburika i Bubanza ashikiriza ko bitumvikana igituma uwaciriwe urubanza yidegemvya hanze y’ibohero.

JPEG - 29.6 ko
Impome z’ibohero rikuru rya Mpimba, ahapfungiwe umuyobozi w’ibohero rikuru rya Bubanza

Uwo arongoye ibohero rikuru rya Bubanza afashwe inyuma y’aho umwe mu banyororo baserukira abandi mw’ibohero rikuru rya Bubanza, NDIKUMANA Samuel, afashwe kuri uwu wa gatandatu ariko agura inkoho hanze y’ibohero.

Uwo ari mu murwi w’abaserukira abandi banyororo, abo bita aba "Généraux", yafashwe ariko aharura amafaranga ibihumbi mirongo itanu vy’amarundi (50 000 Frs Bu) yashaka kuriha uwumuzaniye inkoho yo mu bwoko bwa "Pistolet."

Inyuma y’ugufatwa hamwe n’ukwumvirizwa n’igiporisi, uwariko agurisha iyo nkoho yamenyesheje ko uwo munyororo NDIKUMANA Samuel yari yamutumye inkoho zitandatu zo mu bwoko bwa "Pistolet", hamwe na Gerenade zitandatu nyene, ariko ko yari yabaye arazana iyo nkoho imwe ya mbere yaronse.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.