Accueil > Amakuru > Poritike > Urunani Amizero y’Abarundi ruhamagarira abarundi kutemeza ibwirizwa (...)
Urunani Amizero y’Abarundi ruhamagarira abarundi kutemeza ibwirizwa nshingiro rikumira
mercredi 2 mai 2018
Igikorwa co kwiyamamariza amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, catangujwe n’urugendo rurerure rw’abanywanyi b’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi rwatanguriye ku bwinjiriro bw’igisagara ca Ngozi, bakaba bagenda bararirimba indirimbo zihamagarira, abarundi gutora OYA, bitwaje n’ivyandiko vyanditseko ngo ‘’TORA OYA ‘’
Mu ntara ya Ngozi, umukuru w’Urunani rw’abigenga Amizero y’Abarundi, akaba n’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka, umushingamateka RWASA Agathon, niwe yari yateye iteka ivyo birori, ari kumwe n’abashingamateka hamwe n’abandi banyeporitike bahurikiye muri urwo runani nka Yves SAHINGUVU yabaye icegera c’umukuru w’igihugu, Evariste NGAYIMPENDA n’abandi.

Mw’ijambo ryiwe, umushingamateka RWASA Agathon arongoye Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi yavuze ko iryo bwirizwa nshingiro ririmwo utunenge twinshi, dushingiye kuko abari mu mugambwe uri ku butegetsi bararyigunganije ntibarishira ahabona imbere y’igihe, kuko nawe yarironse hasigaye iminsi itatu ngo imyiyamamazo itangure.
Umushigamateka RWASA Agathon yavuze ibwirizwa shingiro rishasha rikumira, kandi yasanze riteye kubiri n’amasezerano y’I Arusha, rikundwakaza bamwe rigakumira abandi, rero ko ari iryo kwiyamiriza, kuko iryahahora atakanenge rifise.

Umushingamateka RWASA Agathon yahamagariye abanywanyi b’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, kugenda kubibwira abandi bose, kugira iryo bwirizwa nshingiro ntiryemezwe, aca abasaba kandi kwirinda abobasotora.
Isekeza ryo kwiyamamariza amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro ryatanguye kur’uno wa kabiri igenekerezo rya 1 Rusama, rizorangira kw’igenekerezo rya 14 Rusama 2018.
MUGISHA Van Naris
Messages
2 mai 2018, 18:34, par irishura elias
mukomere cane natwe twabihinyuye kare. idyobwirizwashingoro ntakeza twodyitegamwo !
2 mai 2018, 19:28, par Daniella
Haru,kurinda,nukwiyahura.Ngotora,oya ?
2 mai 2018, 19:32, par Jérome
Komera Mutama Wacu ! Abarundi Isinzi Tukuri Inyuma Tuzotora Oya Ntidukeney Ibwirizwa Rikumira Tuzoryiyamiriza Gushika Kuwanyuma
2 mai 2018, 19:53, par Jerome
Komera Mutama Wacu Abarundi Isinzi Tukuri Inyuma Nugutora (Oya)
2 mai 2018, 20:04, par ZIHANGANA
UKO BIZOGDNDA KOSE ABARUNDI TUZOSHIMA
2 mai 2018, 21:42, par NZITONDA ASUMANI
MUTAMA AGATON RWASA naho atotwigishije twobimenye aba d d naho baguma bamwiba mumatora turacamukunda haseshetse amaraso menshi yabanama rimwe IMANA niyo izohana aba d d
2 mai 2018, 22:00, par MURUNDI
KOMERA MUTAMA UKUMOSO KWOSE TURAGUSHIGIYE NACANECANE I GIHARO NA GIHOFI TWESE TURINYUMA YAWE.
2 mai 2018, 22:07, par Inkona Ntiyaruzwa As
Rwas Ntabahend Kk.Nugutor Eg Kand Eg Izotsind Oy.
2 mai 2018, 22:27, par Wily
Bavandimwe Reka guhogora ryaremejwe. le17/05/2018 tuzozinduka guharura banarugo mwibuke iyohabaye intambara ayomubona nabana.abize murantwenza igitigiri kinini nabanyigihugu mwibagira ningoga Demokarasi Nabantu benshi.
2 mai 2018, 22:49, par osuard
Andika hano.Ba,oyA.turabazi ntimuduhende.muribamahindagu.!.Abenegihugu twese Tuzotora EGO. ninitekakuritwebwe abarundi kugengwa namategeko twitoreye.Ni.EGO.
3 mai 2018, 09:07, par Kararuza
Jewe nzotora Oya mugabo turabizi twese ko Rwasa ari agakingirizo ka CNDD FDD,yaco ahenda abanyagihugu rero yivugisha ngo muzotore Oya,twaramumenye,inda ndende yiwe izomukorako,u Burundi butwawe bunyago
3 mai 2018, 14:26, par osuard
Andika hano.Bagenzi,beneburund ntiduhendw nuwomugab ngonirwas ntakind azi ataruguta murudubi aboyobok bîw .nibaz kwatawokwibagira akahis twese.Ni.EGO.
3 mai 2018, 15:22, par ndihokubwayo charles
Kwemeza canke guhakana ibwiriza shingiro nivyo mugabo vyumvikanweko na bose ico mbona baryigungiyeko kugira ribagirire akamaro bonyene nugutoro oyo sinokubwira ngo rivuga uku ???murakoze
3 mai 2018, 17:45, par ali
ibi byirirwa bidiha nibyo byicwa mbere ubu ntasomo mwakuye kubagiye Mu myiyerekano benshi birirwa bangara amahanga abarundi koko ntabwenge
3 mai 2018, 20:30, par MUNEZER
NZE GAMIRA AHARI BESHI SINIZE MURADUHENDA HABAVYE MUDUTA MUBURUNDI MUKAJA HANZE
4 mai 2018, 05:44, par OKAY
tuzotora OYA !
Twahisemwo kuzotora OYA !
Ntimwirigwe muribabaza batama. Aba dd ntaco batumariye. TORA OYA !
4 mai 2018, 13:11, par Biraturaba
Umuntu yemeza cnk agahakana ico azi.mwebwe mwize muratubesha.igikuru si ego cnk oya.igikuru ni kumenya ico wemeza icarico.tubwire ntitubitegera.
5 mai 2018, 12:20, par Pasco
Rwasa Arahumiwe Pe !Mbe Akumbuye Kwinjira Ishamba ?Ashaka Kwikura Muvyuya Nk’u....zi.
6 mai 2018, 19:54, par Daniella
Harukurinda,nukwiyahura,ngo,tora,oya ?
7 mai 2018, 09:30, par Black Stone
Tora Ego
7 mai 2018, 17:04, par Berahino
TORA OOOOOOYYYYYAAAAAAAA
8 mai 2018, 09:25, par ruberintwari anaclet
Uko guhisha ivyahindutse muri iryo bwirizwa vyonyene birakwiye kugira umuntu amenye ko bariko bategura ibintu birimwo igipfungu.
umwe wese yotora aravye ico DD yamaze mu myaka imaze itwara. ikaba yatwaye neza, yishimire mugutora ivyo yanyegeje, ikaba yakoze nabi naho nyene, tora ukurikije ikiri ku mutima.