IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Urwaruka rwa SAHWANYA FRODEBU rwashizeho izindi ndongozi zidaciye mu (...)

Urwaruka rwa SAHWANYA FRODEBU rwashizeho izindi ndongozi zidaciye mu matora

samedi 24 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Mu rwandiko barungikiye ubuyobozi bukuru bw’umugambwe SAHWANYA FRODEBU, urwo rwaruka rukaba rumenyesha ko rwahisemwo gushiraho urwego rw’abantu batanu, kugira abe aribo baserukira urwaruka rw’uwo mugambwe ku rwego rwo hejuru, mu ntumbero y’ukwitegurira amatora yo mu mwaka w’2020. Abagera kuri 20 baserukira abandi bateye umukono kuri urwo rwandiko bihaye ikiringo c’ukwezi, kugira barabe ico bazoba bashitseko muvyo biyemeje.

Patrick NKURUNZIZA, asanzwe ariwe arongoye urwaruka rw’umugambwe SAHWANYA FRODEBU ku rwego rw’igihugu aremera ko atagifise uburenganzira bwo kurongora urwo rwego, kuko ikiringo ciwe caheze, kandi ko n’imyaka afise igera kuri 39 itakimurekurira kurongora urwaruka. Amategeko y’uwo mugambwe avuga ko uwurongora "Intakangwa zaSahwanya FRODEBU" aba afise imyaka itari hejuru ya 35.

JPEG - 53.6 ko
Patrick NKURUNZIZA, asanzwe ariwe arongoye urwaruka rw’umugambwe SAHWANYA FRODEBU ku rwego rw’igihugu

Patrick NKURUNZIZA asaba urwo rwaruka, hamwe n’abandi banywanyi bose b’uwo mugambwe ko botekana, akizeza ko ico kibazo abarongoye umugambwe bazogitorera inyishu. Amakuru twahavuye turonka akaba avuga ko bitegekanijwe ko inama y’abagize urwego nyobozi rw’uwo mugambwe ihava ikorana kuri uwu wa gatandatu kugira yigire hamwe icokorwa.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.