Uwahora ari umuyobozi w’ibohero rya Bubanza yakuwe mu kazi

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 25 Gitugutu 2017 saa 11:31
Yasomwe : 11088
0 0

Kaneza Clarisse niwe yagenwe kuba umuyobozi w’ibohero rikuru rya Bubanza, akaba agiye ku kibanza cahoramwo IRAKOZE Yves Kevin akwije iminsi itatu apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba i Bujumbura.

Mw’ikete nomero 550/1548 ryo kw’igenekerezo rya 24 Gitugutu 2017, umushikiranganji w’ubutungane Aimée Laurentine KANYANA amenyesha ko Kaneza Clarisse ariwe muyobozi mushasha w’ibohero rikuru rya Bubanza.

Uwahora ari umuyobozi w’iryo bohero, IRAKOZE Yves Kevin abarizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuva kuri uwu wa mbere, yagirizwa ko atorokesha abanyororo bakora ivyaha hanze y’ibohero. Yatawe muri yompi inyuma y’aho umunyororo yari yahaye uruhusha rw’ugusohoka afashwe hanze y’ibohero ariko agura inkoho.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha