Uwahoze ari umukuru wa APRODH i Gitega yamanukanwe gupfungirwa i Bujumbura

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 23 Munyonyo 2017 saa 10:33
Yasomwe :
0 0

Nestor Nibitanga, yahoze ari umukuru w’ishirahamwe APRODH riharanira agateka ka zina muntu n’ak’abapfunzwe yahora apfungiwe mw’igendereza i Gitega, yamanukanwe ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu gupfungirwa i Bujumbura mw’igendereza.

Nestor NIBITANGA yahora arongoye ishirahamwe APRODH mu ntara ya Gitega yahagaritswe n’igiporisi mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu, nk’uko vyemezwa na Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko Nestor NIBITANGA yafatanwe impapuro ziriko ivyemeza vy’uguhungabanya umutekano.

Imbere y’uko atabwa muri yompi, abaporisi basatse ku rugo rwa Nestor NIYIBITANGA ruri muri Quartier Musinzira, muri komine n’intara ya Gitega, ariko nta kirwanisho bahatoye, atari izo mpapuro ziriko ivyo yagirizwa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha