Uwahoze arongoye sentare y’iyungururizo ya Gitega yasubiye kurenguka

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 13 avril 2018 saa 09:05
13215
0 0

Uwahoze arongoye sentare y’iyungururizo mu ntara ya Gitega yarasubiye kurenguka kur’uno wa kane igenekerezo rya 12 Ndamukiza 2018. Ingingo y’ivyavuye mu rubanza bizomenyekana mu masaha 48.

Thomas NTIMPIRANGEZA yahagaritswe yagirizwa kwakira igiturire kugira arekure abagirizwa kwiba isima yariko ikoreshwa mu kwubaka ikibuga c’inkino co mu ntara ya Karusi.

Abafasha Thomas NTIMPIRANGEZA kuburana, basaba ko yorekurwa, kuko abacamanza batashoboye kwerekana ko yagirwa n’icaha.

Thomas NTIMPIRANGEZA yafashwe kw’igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2018, akaba yagirizwa ko yanyuruje isima yari yatanzwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu, kugira ikoreshwe mu kwubaka ikibuga c’umupira w’amaguru mu ntara ya Karusi.


Kumenyekanisha

1
SILAS 13-04-2018 à 19:02

Umushikiranganji,wubutungane, Urashoboye,pe ,umukuru,wasentare mugasho, ? Mupfaso,urashoboye ! Komeza, Muduhigire,izobingira Zinyegeza,muntama

2
kankindi 13-04-2018 à 12:03

munyare

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha