Accueil > Amakuru > Ubutungane > Aba JRR bafashwe n’igiporisi mu rubanza rwa UFB barekuwe
Aba JRR bafashwe n’igiporisi mu rubanza rwa UFB barekuwe
lundi 10 Ntwarante 2014
Inyuma y’aho abakenyezi bo mu muhari w’Abarundikazi UFB baburijwe kugira urugendo ku munsi mukuru waho bibuka imyaka 47 bamaze bakora, ndetse bagahimbaza n’umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe umukenyezi, aho bahuriye kwivuna akanyota inyuma y’itegwa ivyuka, basavye ko bamwe mu rwaruka rwa JRR rwafashwe, rukajanwa gupfungwa borekurwa.

Amakuru ava aho mu mugambwe UPRONA, amenyesha ko, abari bafashwe batandatu bakajanwa gupfungirwa muri BSR, barekuwe, ubu bakaba ndetse bamaze gushika mu miryango yabo nk’uko umushingwamanza Patrick Nitegeka arongoye JRR yabishikirije ikinyamakuru IGIHE, muri aka gatondo ko kuri uyu wa 10 Ntwarante.
Ingingo yo kurekura abo bari muri uyo muhari wa JRR, akaba ari ivyagiye biragarukwako mu majambo yakuriye, inyuma y’aho abo bakenyezi baburagirijwe n’igiporisi, bakaja guhurira ahantu kugira basangire akarahuri, mu kwifurizanya umunsi mukuru mwiza. Mu majambo nka yose yagiye arashikirizwa haba iryavuzwe n’uwaserukiye abo bakenyezi, yaba iryavuzwe na Bernadette Bankumuhari umwe mu bakenyezi bambere yatanguye kuba umushingamateka mu Burundi, akaba ari no mubatanguje umuhari UFB, bose baraneguye ingendo yo kubuzwa kwigina umunsi mukuru wabo, ndetse bagaterwa ivyuka vyokera ku munsi mukuru w’abakenyezi, aho bamwe bakomeretse, abandi bagatemba.

Mw’ijambo ry’umukuru w’umugambwe UPRONA atemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, Karori Nditije yavuze ko kubona baburagizwa n’inzego z’igiporisi kugira umunsi mukuru, ari imvo za poritike, aho abo baporisi bahabwa amategeko yo gushwiragiza abanyagihugu, bari mu rugendo rw’amahoro. Akaba yasavye igiporisi gukora akazi kaco neza, ndetse kikareka gukoreshwa mu gutoteza abantu. Nditije akaba yasavye kandi ko abafashwe bagapfungwa borekurwa, kuko atawe bariye urwara. Ndetse agashima n’ukubona abo bakenyezi bataciye bataha, ariko bakemera bagafata akanya kugira barangize urubanza rwabo, bari batanguye, kuva mu gatondo.
Nayo kubijanye n’ingorane zivugwa muri UPRONA, uwo mushingamateka, avuga ko atakibazo na kimwe basigaranye, kuko bahejeje kwiyunga, amashami yose akaba ari kumwe, kiretse umurwi w’Abadasigana birukanywe, n’abandi bahawe ibihano, babandanya gukoreshwa kugira basambure umugambwe wa Rwagasore. Abo nabo, akaba avuga ko ataco bazobashikanako, kuko atabadasigana bari inyuma yabo.







Aristide Nizigire
Messages
10 Ntwarante 2014, 13:16, par lle
Mana we mbe abaporono nuko basigaye bangana!!!!!!!ndabona intebe zababanye nke................