IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abababa ijana bagirizwa kugira imyiyerekano barekuwe

Abababa ijana bagirizwa kugira imyiyerekano barekuwe

mardi 8 Kigarama 2015

Abantu bababa ijana bari bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba i Bujumbura kubera bagize imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,barekuwe kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 8 Kigarama 2015.

Abenshi muri abo barekuwe kuko basanze ata caha kibagira.Abandi naho barekuwe baciriwe gupfungwa icamaso.

Ubushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu no gukundisha igihugu,hamwe n’ubwo ubutungane nibo bari bitavye ibirori vyo kurekura abo banyororo.

Imbere yo kurekurwa ku mugaragaro,abo banyororo babanje guhabwa impanuro n’inyigisho zo kubakundisha igihugu,n’imyifato mu buzima bushasha bagiyemwo inyuma y’ubuzima bwo mw’ibohero.

Abarekuwe bagize umurwi wa kabiri inyuma y’umurwi wa mbere ugizwe n’abana 58 baheruka kurekurwa mw’ibohero ryo mu ntara ya Rumonge,inyuma yo guhabwa inyigisho zo gukunda igihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.