Accueil > Amakuru > Ubutungane > Urubanza rw’aba JRR Lionel Ninteretse na Shurweryimana Fabrice (...)
Urubanza rw’aba JRR Lionel Ninteretse na Shurweryimana Fabrice ntirwaburanishijwe
vendredi 23 Rusama 2014
Ababuranira aba JRR babiri bavuga ko bumiwe, mu kubona babwirwa ko abacamanza batari bwabone dossier mu gihe Lionel Ninteretse na Shurweryimana bavuga ko bariko barazira ubusa, iyo bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Ku bwa King Hermes Kezimana, umwe mu baburanira urwo rwaruka, muri sentare y’iyungururizo y’i Bujumbura bamenyesheje ko muri sentare nkuru ikukira igisagara ca Bujumbura, barungitse dosiye y’urubanza batevye, bica bituma abacamanza bataronka igopi y’urubanza. Ivyo rero bikaba vyatangaje ababuranira abo ba JRR ba UPRONA, mu gihe abo baburanira bapfunzwe bidakurikije amategeko, ndetse banazira indyane zadutse mu mugambwe UPRONA, kuva bafashwe bagirizwa ko boba aribo bateye ama grenade ku rugo rwa Gaston Sindimwo, umwe mu baporona bari mw’ishami rya Concilie Nibigira, nk’uko bivugwa n’uwubaburanira.
King Hermes Kezimana akavuga ko baciye basaba sentare nkuru y’iyungururizo ko bobaha isango ya hafi, kugira urwo rubanza rwagiye rurarangwamwo amanyanga menshi ruhebe rurangire. Mu gihe ndetse Gaston Sindimwo yategerezwa kurenguka uyu munsi ataje, ivyo vyose bikerekana ko ari intumbero yo kugumizayo abo basore, kandi ataco bariko barazira, bakizera ko Gaston Sindimwo buca atumwako nawe kugira baburane, ibipfungu n’amanyanga vyagiye biribonekeza muri urwo rubanza bihere.


Aristide Nizigire