IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ababuranira abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi barengutse muri (...)

Ababuranira abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi barengutse muri sentare

mardi 12 Nzero 2016

Abashingwamanza indwi baburanira abagirizwa ko bashatse gutembagaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015,barengutse imbere ya parike nkuru ikukira sentare isubiramwo imanza ya Bujumbura kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 12 Nzero 2016.

Abo bashingwamanza batumweko kugira bumvirizwe kucatumye basiba mu ntahe y’icese y’abo baburanira ,mu rubanza rw’abo bagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi.

Batandatu muri abo bashingwamanza nibo bitavye ,bakaba bumvirijwe n’icariho c’umushikirizamanza mukuru wa Republika.

Sentare ntahinyuzwa yaheruka gutaramura abo bashingwamanza mu rubanza rw’abashatse gutembaza ubutegetsi, babagiriza gushaka ku rudindiza.

Antoine Nzobandora umwe mu bunganira abo bashirwamanza avuga ko babajijwe imvo yatumye batitaba mu ntahe y icese yo ku wa 15 Kigarama 2015,aca amenyesha ko bagerageje kwumvisha icariho c’umushikirizamanza imvo zatumye batitaba,iyo nayo hakaba harimwo ko batari bwaronswe idosiye yabo baburanira.

Yavuze ko mu bisanzwe atari sentare yitwarira umushingwamanza,ariko ko ari uwo baburanira yitwara iyo habaye ikosa,naho nyene akitwara mu rwego rw’abashingwamanza.

Bitegekanijwe ko urubanza rw’abashatse gutembagaza ubutegetsi rusomwa ku wa kane igenekerezo rya 14 Nzero 2016.


IGIHE

Messages

  • Ni baba rekure koko bariko baharanira ukuri.ariko nibihangane.

  • Isi Irashaje! Abanse Bose Amategeko Y’Imana Bategerezwa Kwumva Ko Abobatavugarumwe Ari Ukubica,ariko Siwomuti.Nimwihane Yesu araje.

  • Abo Bababuranira Bobo Bicira Amafranga Nico Gituma Biphuzako Urubanza Rutocibwa Ngo Babashe Gusanura Indazabo Nomumifuko.Ariko Baribakwiye Kwikebuka,bagahebuza Umuntu Baburanira Mugihe Nabo Bazi Amategeko.Bitari Uko Nabo Bafatirwe Ingingo Hakuikijwe Amategeko.None Biphuzako Abarundi Nkabo Bigira Amabingira Mugihugu?Nabo Bahamwe Kuko Bakunda Amafranga Gusumba Igihugu Nabakibamwo,biphuza Amahoro.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.