Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ababuranira abanywanyi ba MSD baneguye uburyo urubanza rwashashe
Ababuranira abanywanyi ba MSD baneguye uburyo urubanza rwashashe
lundi 27 Gitugutu 2014
Yaba abashingwamanza canke abakurikiranye urubanza rw’abanywanyi ba MSD baranegura uburyo urwo rubanza rwashashwe bakavuga ko bashatse kubuza abantu kwurwumviriza.

Umushingwamanza Dieudonne Bashirahishize umwe mu baburanira abo banywanyi, akavuga ko vyabatangaje kubona rubera mw’ibohero rukuru rya Mpimba, mu gihe ico kibanza cagenewe abapfunzwe gusa. Avuga ko urwo rubanza ubutungane bwaruhaye intumbero ya poritike mu gihe hari bamwe bafatiwe mu mabarabara bariko binonora imitsi, abandi nabo bagafatirwa mu ngoro y’umugambwe aho bari mu nama, kandi inama y’umugambwe uzwi ndetse wemewe n’amategeko.
Uwo mushingwamanza akaba yananeguye uburyo rwikwega, agasaba ko hokurikizwa amategeko, rugasasa, sentare ntisubire kwitwaza ko urubanza rutashitse. Uwo mushingwamanza akavuga ko ivyo baneguye mu rubanza rwa mbere nk’ukutamenyesha urubanza aberwa narwo, canke kutababwira isango ryo kurenguka bose uko berwa n’urubanza bitosubira. Uwo mushingwamanza akavuga ko hamwe vyobandanya bazobandanya basaba ko amategeko yokurikizwa.
Mukamenya ko urwo rubanza rwari rwitabwe n’abantu batari bake, harimwo abanywanyi ba MSD bari bambaye impuzu ziriko udutambara tw’urwatsi rubisi, abaserukira Ubumwe bwa Buraya, Reta zunzubumwe z’Amerika, amwe mu mashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu yaba ayo mu Burundi na mpuzamakungu, hamwe n’abandi banyagihugu bankiwe kwinjira baca baguma hanze.
Urwo rubanza rero rukaba ruzosubira gusasa ku wa 1 Kigarama uyu mwaka. Abanywanyi ba MSD isinzi rero bakava bavuye mw’ibohero rikuru rya Mpimba n’amaguru, gushika mu gisagara ca Bujumbura.




Aristide Nizigire
Messages
27 Gitugutu 2014, 15:59, par So
Mupfamurushe pee! Ngobabafashe bibereye murisipro no munyubakwa yumugambwe wabokoko! Abarimuri siporo barikurindakwandika kivyapa bivugango mpakadukuyeho iyintwaro yigikenye nibindinibindi!!!
27 Gitugutu 2014, 19:46, par GEZAHO
Ahubwo uyo mushingwamanza amashuri yiwe y’ize jewe ndababaye caaane kuba yihenda gushika hiyo hose,ico nomumenyesha nikimwe,icabona gikuru n’imana,hamwe na ma media kuko ivyabay’uryamusi twese abanyagihugu turinavyo muma filme tugendana,ntakwihenda rero.urubanza gwariciye bitewe nivyo nsinduhuje wenyene ubwiwe ivyo yavugiye kwi Radio na tel ronaisance.pfa mwambaye,ico noguhanura mushingwamanza basabire ikigongwe conyene nico gikenewe,bagihabwe canke bacimwe,ariko amategeko adahonyanzwe.nakurikizwe neza.
27 Gitugutu 2014, 20:19, par mukobwajana
NA DD IRAZI KO BARENGANA ARIKO MWA BAHUTU MWE MURASARA MUREKE ABO BANTU MWAGIZE IMANA KUKO ARI ABATUTSI TURABAZI NTAHO MWASHIZE AMACAKUBIRI..!!!!
27 Gitugutu 2014, 22:22, par sikitu
yewe mukobwajana, bakubwiyeko abatutsi barekuriwe gukoramakosa bitwaje ukobari ntibakurikiranwe.nubutungane.? nkabimwe vyomurikahise.umenyeko abobahutu uvuga.abubu sibo bakera. mwarabibonye.ahahiseubu twese dukwiye kungana imbere yamategeko. ntawurengeye amategeko ntiwongere kwitwaza amoko. ntakamaro vyatuzaniye. mukabikwega naho.muzobibona ejo suyumunsi, suko bakina poritiq mwitonde.
28 Gitugutu 2014, 04:26, par Kabizi
Jewe naneguye aho baruburanishirije n ibihano babacira!Ngira bashaka kwereka amakungu ingene ibohero rishajije!
28 Gitugutu 2014, 13:28, par philbert
Abatera akajagari niyo mpembo nyene bazoza barahabwa ahubwo ni babagumizeyo akajagari kagabanuke
29 Gitugutu 2014, 15:37, par burikukiye
Mudutohoreze amakuru yavuye muri BCR avugako hafungiwe abanyagwanda ibihumbi bibiri n’amajana atanu (abagabo 1800 n’abagore 700) kandi amakuru dukura ku baserukira ivyo biro bavugako bakubitwa kane ku munsi nukuvuga 2ku murango nakandi 2 mw’ijoro.