IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ababuranira Bamvuginyumvira babandanya kumutabariza ko akitswe (...)

Ababuranira Bamvuginyumvira babandanya kumutabariza ko akitswe n’amagara

mercredi 19 Ntwarante 2014

Ferederiko Bamvuginyumvira yararengutse ku ncuro ya gatatu, ku munsi w’ejo kuwa kabiri muri sentare ijejwe kurwanya igiturire. Abamuburanira babandanya gusaba ko yotezurirwa akaburana yidegemvya kuko akitswe n’amagara.

Uwahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, ubu akaba ari icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU, Ferederiko Bamvuginyumvira yarasubiriye kurenguka ubugira gatatu muri sentare ijejwe kurwanya igiturire. Umushingwamanza Fabiyano Segatwa, umwe mubaburanira Ferederiko Bamvuginyumvira amenyesha ko mu ntahe yo ku munsi w’ejo kuwa kabiri babandanije gusaba ko uwo baburanira yotezurirwa vy’agateganyo kuko amagara yiwe yifashe nabi, aho mukamenya ko arwaye ingwara y’ivumbuka ry’amaraso. Mu ntahe yaheruka ya mbere yaburanye yicaye, iya kabiri nayo akaba atashoboye kurenguka. Ferederiko Bamvuginyumvira yitavye muri iyo ntahe y’ejo kuwa gatatu kugira abamuburanira basabe sentare ko yomutezurira imubona.

Mu masaha mirongo ine n’umunani niho sentare imenyesha ingingo yafashe yo kurekura Bamvuginyumvira aburane yidegemvya canke agumizwe mu munyororo rikuru rya Mpimba.


Egide Nduwimana

Messages

  • Uwo mutama nibamutenzurire,muga ntazosubire kurenga ibigo ashaje,kandi afise umufasoni wiwe yiyubashe,kandi ntazosubire kwiyunvira gutanga ibiturire ngo nuko afise menshi yogusesagura,aho kuyatunganirisha urugo gwe,aho naho bavuga ngwaragwaye ivumbuka ryamaraso sivyo,kuko ntampapuro zamuganga mwerekanye,gusa niyikebuke abone kwakuze,atabereye kuja mungendo zitamubereye.kandi niyafungugwa ,aze arahanura Leonce kuko nawe asigaye afise inyifato itabereye muvya politique,ntabanga ryigihugu akigendera,umenga yarihebuye,asigaye yita mukuvuga,muvyukuri ,ntakarangamutima ka politique kamurimwo,naho hoba hariho ibitagenda neza mugihungu,canke mumuryango,inyishu sugutwarira hejuru,ariko abo bashingantahe,reka ndabite gutyo.umenga bariko baritwara kubanyamahanga,igihugu nicacu,umunyamahanga aza munyuma,aruko twebwe twagize ica twimarira.iyo yari inkebuzo bantu bomukibiri.

  • Uwomugabobakamurekuraazoca yfinira Zuma Ambassade ndabe gêne bazosubira kumukurikirana amagara yamukitse kera ahoyamukika kuri Yozofina asize nyina sa MAYUGI munzu,kandin’uko babikora nka 80% ubundi uwomwuga yawutanguye kera kuva akiri mIgisha,inkuru y’imvaho murayibaza Madame wiwe Maman MAYUGI ayo yagowe kuva kera cane burya ntamuntu yegereye muka . Bamvuga ataz’ivy’iwe.Booooose uwomwuga. w’ubusambanyi atac’ufash’umuryango boshaka bowihana Imana itarabamaramaza kukw’iminsi y’igisuma irazwi kw’arimwe YEZU YISONZESHA (40)Quarante jours,Abarin’amatwi nibumve canke bazumvirayo.Merci beaucoup.

  • Reka ndabatwenge kuko mur’ibitazi.Ama leta yose arasa kuko nokuri Buyoya abo bitavuga rumwe nuko vyagenda.Har’inzira karenganyo zicwa zikambikwa impuzu za gisirikare TV na Radio zikemeza ko ari umuroberi.Kandi benshi bazira ko bashigikiye CNDD-FDD .Ubu sibo bari gukora amabi twabonye ahubwo bari kwerekana ubutwari.Urasoserereza neza ruriye abandi rutabibagiye ariko ukwihorana muba Hutu mwari mukwiye kwikebuka.

  • Uwo mutama ararengeye kuja guhena. Mugahinga ahemukiye Maman Mayugi uwomubazaay’ahonga hchangea ntiyoyaguramw’ipantaroy’imfura yiwe Mayugi aza muri sentare mukabutura?aratey’isoni nawe wiyita Ntwari utiliser abantu n’ibitazi!?warimenyereye basi.Utia niwe wazanye gusoma no kwandika abandi?ngo tut’n’ibitazi!ok,niwumire kur’abo ba. Hima ntubona ko DD yikanguye,ababizi n’abakurikiye Alex Maroha ububavundiye mu Mpimba nawe yigereye m’uburayi ndaremye ntabututs’unsumvya,ariko sinzishur’ivyariwe n’abahima, kuko!UMUNANA W’ISEMA UTEMBAGAR’UDUGA.okttanks.

  • KAHEZE,urakoze caane kumunfasha uwo mugabo yiyita NTWARI,kumuhugura mumutwe ,kuko we nubu ntarahumuka ngwabone iyo tugeze,kandi hari nabandi benshi bakunda kwandika kuri runo rubuga IGIHE bameze nkuyo.ico bomenya nuko INTAHE YARAFASHE IJAMBO NGAHA MUBURUNDI.nibatekereze,kuko igihugu kirimwo ABAGABO BIJUNJA N,IJAMBO.

  • Mutama wanje komera ibwa zibabare nayo abataguye kuryohegwa ngo uzogwa mwibohero nibo bazorigwamwo.imihimbiri yikunda ataco ikinda naho wobahiki ntaco bamenya ko wabahaye turazi ivyo wakoze kwari vyishi kwaribyishi arilo vyose wabikora uronderera ineza igihigu nico uriko urazira kuko bazi kobaguhemukiye kurubwo uwabaye nyabwa ntaba nyanka barekere ububwa bwabo Mutama imana iguhagaze tuze dusubire kukubona kandi ntankeka komera ,,,,.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.