IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ababuranira Bamvuginyumvira baranegura ukuntu umwe yamufatiyeko inkoho ku (...)

Ababuranira Bamvuginyumvira baranegura ukuntu umwe yamufatiyeko inkoho ku mutwe

lundi 23 Kigarama 2013

Uwahoze ari icegera c’umukuru w’Uburundi Ferederiko Bamvuginyumvira yarengutse muri sentare ntahinyuzwa, inyuma yaho umushikirizamanza mukuru muri sentare irwanya ibiturire yunguririje urubanza, vyari vyamaze kumenyeshwa ko uyo yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu akaba n’icegera ubu c’umukuru w’umugambwe FRODEBU yagire arekurwe, ariko abanje gutanga amafaranga y’ingwati angana n’umuriyoni w’amarundi.

Umushingwamanza Raphael Horumpende

Umushingwamanza Raphael Horumpende umwe mu baburanira Ferederiko Bamvuginyumvira, akaba avuga ko bariko barasaba ko uwo baburanira yorekurwa akaza araburana ari hanze, mu gihe umushikirizamanza mukuru wo muri sentare yo kurwanya ibiturire yunguruje asigura ko, hamwe Bamvuginyumvira yorekurwa, yohava aremera ivyabona, ukuri ku vyo yagirizwa kugahava kutamenyekana. Abamuburanira rero bakaba bamirira kure ivyo, bakavuga ko iyo ashaka kuremera ivyabona, aba yabiremereye urya munsi bamwagiriza ivyaha, ari naco gituma basaba irekurwa ry’uwo baburanira, akaja gusangira Noweli n’umwaka mushasha n’umuryango wiwe.

Ababuranira uwahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ku ntwaro ya Petero Buyoya, bakanegura cane uburyo yafashwemwo, mu gihe abamufashe batari inyamiramabi OPJ. Abo bamufashe bakaba umwe ajejwe umutekano mu gisagara ca Bujumbura, uwundi nawe bikavurwa ko ari uwasubijwe mu buzima busanzwe, azwi kw’izina rya Etienne, eka ndetse akagirizwa n’ukuba yarafatiye inkoho ku mutwe wa Bamvuginyumvira amusaba igiturire c’imiriyoni icumi (10.000.000).

Umushingwamanza Horumpende avuga ko mu masaha 48 bizeye ko aza kuba yarekuwe, aravye uburyo abacamanza babumvirije, bibonekako bakeneye kumenya ukuri kuri urwo rubanza rwa Bamvuginyumvira na sentare yo kurwanya ibiturire.

Tukaba twobamenyesha ko urwo rubanza rwari rwitabwe n’abantu isinzi hari umupfasoni wa Bamvuginyumvira na bamwe mu bana biwe, uwo bamwagirije ko barenze ibigo nawe nyene yari aho na bamwe mu bategetsi barongoye imigambwe ihurikiye mu runani ADC Ikibiri nka Alexis Sinduhije, Alice Nzomukunda, Chauvineau Mugwengezo n’abandi bo mushirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, ayaharanira agateka ka zina muntu, hamwe n’abanywanyi b’ikibiri.


Aristide Nizigire

Messages

  • Moral irakenewe akaje karemegwa

  • Cndd fdd irakwiye gushimigwa yo yagaruye amahoro mu Burundi amacakubiri ikayamirirakure abonse rimwe bagasubira kubana mubwubahane(akagaye kakagabanuka).Ehe namwe Horimpende ariko araburanira umu Frodebu?qui l’aurait imaginé? Uyu muminsi yama ville morte yari mubahamagarira kwica abahutu babita amaboro!!!Nubu nzotora uwo mugambweweretse va Horumpende ko ibintu bihinduka kandi bakabandanya bidegemvya. Naho Bamvuga wewe nibamureke ngira yaracafuyebikwiye!!!

  • Ewe kami sha, bwabundi uracari mu bantu ndumva uwoguha igihugu wokwihora bikwiriye. Mbe ba Horumpende nibo babigize?urafise ivyemezo ga ncuti?mbe abishe mu 93 ko ubu aribo bariko barasubiranamwo?ehe inyuma y’amatora umugambi safisha, abahitanywe nawo na bande?hari umututsi yasafishije umuhutu?ahubwo uwavuze ati uwukeneyeumuhutu amutuma uwundi ntiyabeshe, hari umututsi urumva ariko arica uwundi ubu?emwe oya twebwe turi mu makungu turatangara, twari tuzi ko cndd-fdd ije guteza imbere abahutu bari baragowe kuva uburundi bwikukiye, ahubwo yaje kubacinyiza, iteza imbere ba eduard nduwimana, gaston hakiza, giswaswa, n’abandi

  • Mana ninyenimbabazi kandi wiwe wiyita kami urumuntu muto ,nivyuvuga biravyerekana ,ugira niwe washize kubutegetsi CNDD-FDD ?reka bazi icobazi bakivuge ico nogusaba ntusubire kuvuga ubwoko kuko Imana yaremye umuntu gusa kandi niyo buca ihindura ibintu ,kandi sikera naho worara urakora gute ,iconzico IMANA RUREMA yaravuzeko buca ihindura ikintu mu burundi nayo ivuze ntawusubiramwo

  • uwo Jane et Jean de Dieu muriko murarota!!!

  • Kami sinovuga ko urota ahubwo ntaco uzi ,umwana niwe avuga ivyo ashatse atarabona ,nimba utemera isezerano n’umuhango UBURUNDI bufise,ntaco wemera kuko iyabisezeranye ibicishije kubakozi b’Imana ,izobishitsa rindira igihe kiregereje ,«MURABIKORA NKIHORERA MUKIBAZA KO MPWANYE NAMWE UMUNSI URIZINA NZOBIGARAGAZA IMBERE Y’AMASO YANYU »Hunga uburake buzoza ,Nayo uwicisha inkota azokwicwa n’inkota,uwicisha amabuye nawe nukonyene

  • Mana nyene impuhwe n’ikigongwe turakwinginze, kuri uyu munsi turiko turagimbaza Noweri, udukize intwaro mbi, z’inyonora ry’amatungo ya reta, ubwicanyi, gufungira abantu ubusa, maze kuri iri sango mu mwaka w’2015, uze uhashire inzego nziza, zidutunganiriza, zitatwica, zitadukubagura, ndabigusavye Yesu wanje kandi nicishije bugufi, Amen

  • MON AMIE Jane ndakubwiye usenge wihanganye UWUHORAHO arumva amarira yawe,izere iri jambo rivuga ngo«Dore umunsi w’Uwiteka uraje, uzazana uburakari bw’inkazi n’umujinya mwinshi uhindure igihugu imyirare, urimbure n’abanyabyaha bo muri cyo bagishiremo».
    Yesaya 13:9

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.