Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ababuranira Mbonimpa basiguye ivyotuma ahabwa umwidegemvyo vy’agateganyo
Ababuranira Mbonimpa basiguye ivyotuma ahabwa umwidegemvyo vy’agateganyo
vendredi 4 Mukakaro 2014
Ababuranira Petero Karaveri Mbonimpa bashobore gusigurira abacamanza ko urubanza rwa Mbonimpa rudashobora kuburanishwa mu ntahe y’icese uwo baburanira agipfunzwe, kandi amategeko amuha uburenganzira bwo kuburana yidegemvya. Urubanza rwashizwe mu mwiherero.
Abantu isinzi bari bitavye akamo kari katewe n’ababuranira Petero Karaveri Mbonimpa ko kuzokwishikira kwumviriza ukuri kuvyashikirijwe mu bijanye n’imyimenyerezo ya gisirikare bivugwa ko ikorerwa mu butaka bwa Rpuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Ku muryango w’ubwinjiriro bwa sentare, hamwe n’imbere muri sentare, hakaba hari umuporisi yambaye umwambaro w’igiporisi yaguma afata amasanamu y’abaje gushigikira Petero Karaveri Mbonimpa.

Nk’igihe c’isaha zitanu zibura iminota cumi, Petero Karaveri Mbonimpa niho yashikanwa kuri sentare nkuru ikukira igisagara ca Bujumbura, ari wenyene mu kiduga kinini cunguruza abanyororo (fourgon). Yakiriwe n’abantu benshi cane bari baje kumushigikira, harimwo n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi. Abantu bari benshi ku buryo uruja n’uruza ku mabarabara yegereye iyo sentare rutari rworoshe kubera ubwinshi bw’abantu. Bakimubona baciye batangura kuririmba indirimbo zirimwo amajambo avuga ko borekura uwo mutama Mbonimpa.

Urubanza rugitangura, uwaserukiye Reta muri urwo rubanza (Ministere Public), ariwe Arcade Nimubona asanzwe ariwe mushikirizamanza wa Repuburika mu gisagara ca Bujumbura yibukije Petero Karaveri Mbonimpa ivyaha yagirizwa arivyo : uguhungabanya umutekano w’igihugu n’uwo muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, hamwe n’ugukoresha amasanamu (photos) atariyo ku makuru yavuze ko hari urwaruka rw’abarundi rujanwa mu myimenyerezo ya gisirikare muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Abacamanza bane bari bashashe muri urwo rubanza basavye Petero Karaveri Mbonimpa ko yokwiregura kuvyo yagirizwa, nawe abasigurira ko adashobora kuburana atarahabwa umwidegemvyo vy’agateganyo nk’uko abirekurirwa n’amategeko, kuko arenza imyaka 60, kandi arwaye. Ababuranira Petero Karaveri Mbonimpa ntibashoboye kwemera ko urwo rubanza rutangura kuburanishwa mw’ido n’ido, kubera utwo tunenge tutarakosorwa.
Umushingwamanza Antoine Nzobandora, ari nawe yari arongoye umurwi w’abashingwamanza baburanira Petero Karaveri Mbonimpa, yibukije abacamanza itegeko ry’umushikiranganji ryo kuwa 27 Myandagaro 2014 rivuga ko umupfungwa arenza imyaka 60, kandi akaba arwaye ingwara idakira, ko ategerezwa guca ahabwa umwidegemvyo w’agateganyo, akaburana yidegemvya. Umushingwamanza Antoine Nzobarinda yabwiye abacamanza ko Petero Karaveri Mbonimpa arwaye ingwara y’igisukari (Diabete) amaranye imyaka ine, akaba kandi arenza iyo myaka 60 ivugwa muri iryo tegeko ry’umushikiranganji w’ubutungane, aho mukamenya ko Petero Karaveri Mbonimpa ageze ku myaka 65 y’amavuka. Abo bashingwamanza bemeye ko naho vyoba bikenewe, ingwati yotangwa, ariko uwo baburanira agahabwa umwidegemvyo w’agateganyo arekurirwa n’amategeko.

Nk’uko abo bashingwamanza babandanije babisigura, bariyemerera ko bafise ivyagiriji bikwiye, n’amasura yerekana ko ivyo Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru wa APRODH yashirije arivyo, ariko bagasaba ko yobanza guhabwa umwidegemvyo, akaba ariho babona kuja mw’ido n’ido y’urubanza, uwo baburanira atakiri mu munyororo. N’aho Arcade Nimubona, umushikirizamanza wa Repuburika mu gisagara ca Bujumbura, akaba ari nawe yari yaserukiye Reta muri urwo rubanza, yabandanije gusaba ko urwo rubanza rwoburanishwa Petero Karaveri Mbonimpa akiri mw’ibohero, abo bacamanza baciye bafata ingingo y’ukurushira mu mwiherero. Ababuranira Petero Karaveri Mbonimpa biyemeje kuzana kuri uwu wa mbere ivyemeza ko arwaye, sentare ikaba izoca imenyesha inyuma y’amasaha 48 ingingo yafashe ku vyerekeye umwidegemvyo wohabwa Petero Karaveri Mbonimpa. Mu kurindira ingingo izofatwa, yaciye asubizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Tubibutse ko muri urwo rubanza, batatu mu bantu batanu Petero Karaveri Mbonimpa yari yavuze ko bapfiriye muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bari bashikiye kwerekana ko bakiriho. Baherekejwe n’umushingwamanza wabo Emmanuel BURAKUVYE, abo bantu batatu bavuga ko baje gusaba indishi y’uko batanzwe mu mazina y’abapfuye, kandi bakiriho.
- Batatu mu bantu vyavuzwe ko bapfiriye muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo bari baje kwerekana ko bakiriho. Baherekejwe n’umushingwamanza wabo Emmanuel BURAKUVYE (uwa mbere i buryo)
Egide Nduwimana
Messages
4 Mukakaro 2014, 15:57, par Ngaho
IYO MIHIMBIRI NGO IGOMBA INDISHI YAKABABARO AHO NTIYOKWOTESHWA UMURIRO NIBURE KUTAYANYAGA NIMBA YARAKIZE ABO NDABONA NABAHIMBANO ABO BABUZE NABO BARIHE?
4 Mukakaro 2014, 16:20, par Mama
Nanje ndumva utontanga mumazina yabafuye ngompeze ngendentituye ubutungane mbere iconicaha kindi gikomeyecane ubutungane bundakwiye kuzokwihanganira, ukwoguhushagurika kwuwo muzehe Mbonimpa ndongeye kubabwirako atarugukunda uburundi nabarundi kwabimutumwe harihikintu ashobora kuba yariyemerewe kuzohabwa nabamwe nabandi bababamwe mubarundi bafatikanije nabamwe bakorera amashirahamwe mpuzamakungu bashobora kuba binyegeza inyuma yakazibashinzwe mazebagaheza bagafasha abashaka kudurumbanya umutekano wibihugu, kandabobantu bakunze kwibonekeza mubihugu vyafrika navyobiri mubituma ibihugu vya Africa bidashobora guterimbere, nawendebera baryabantu bahagaritse ibikorwavyabongo bagiye gushigikira Mbonimpa for nothing? Attaion’ mugihe hagize uwuvugako hariho abakorera amashirahamwe mpuzamakungu bakunze kuzabarenyegeza akariro mugucanishamwo abanyagihugu bomubihugu bababakoreramwo ntibisigurako abariryoshirahamwe ryabimutimwe, nububegito buharurwa kugatwekiwe. Akarorero uyumwanditsi yavuzengo hariho abaserukira ibihuguvyabo ngaha muburundi bashika 8 ngonabobitabiriye akamo batewe kokwambara umpuzu zurwatsi rubisi, ivyontibiri muvyo ibihuguvyabo vyabatumye, iyonayo niyindinzira yokwenyegeza akariro mugushusha imitwe yabenegihugu mbere mboneyeho nokuvugako uyumwanditsi yobayabonye biyambariye impuzuzabo zirimwo iryobara acaravyitiranya nivyinjavyi kukovyobabibabaje
4 Mukakaro 2014, 17:16, par paruto
wewe wiyita mama urazokugurura ikinyamakuru cawe si non uzohava uyaga.
4 Mukakaro 2014, 18:50, par UMWAMI
Niho rero ncunva akamaramaza kobo bansesankuyoze n’ukuri.ngo ntashobora kuburana ngwadahawe kwidegenvya,kuki asaba uko kandi ariwe yategerezwa gutanga akarorero mukwubaka igihugu.ubu rero karaciye ingani kwafise iyo myaka 65 yamavuka ace ata igihugu mukaga,ngo nuko akurukuye?.ako nakumiro ndagahanwa,ahubwo nagumizwe mwibohero uzoshake agweyo,aho kumarisha twebwe ugwaruka tukiri bato,kandi Burundi bwejo,wewe naho yopfa arashaje,amaze kugira abuzukuru n’abuzukuruza,abo bigira ngo batwara ayo mashirahamwe ngo adaharanira ivyisi,cank’ivyicaro,bamugire ikiraro co kumara abantu,duhave dusubira mugwimo nkarumwe gwaduhekura1993,rukadutwara president nabandi bayobozi??.nyakwubahwa mama,ndagushimiye caane,kwico kindi caha utwibukije cokubika abantu bakiri bazima,naco nicongegweko,kwivyo bindi yariko yagirizwa.arakihitana uwo musaza,aho guhitana igihugu,bihende ngo baramutenzuriye,natwe tukiri ugwaruka dukunda amahoro twaronse turushe,tuzoca tuja mumabarabara dusaba kwahanwa atakinya kigiyemwo.iryo vu ryumutama,adahimba ivyisi.
4 Mukakaro 2014, 19:21, par mukobwajana
WE WIYITA MAMA UBU DD BUZOKWEREKA ICO MBONIMPA YAMAZE UN JOUR OU L AUTRE ABA DD BAHINDUKA RIMWE URABAZA RAJABU HEWE.!!!IMBONERAKURE ZIRI MURI CONGO BIRAZWI NIMBA MWIBAZA NGO AKAJAGARI GAFATA BAMWE MUZORABA KANDI IRYAMUKURU RIRATINDA GUSA NTIRIHERA ,,,,MUREKE NTACO MUZI
5 Mukakaro 2014, 00:15, par paul
PC ni umwangushi umubeshi atagira izina ashaka gusubiza igihugu mu kaga aragahanwa n’Imana
5 Mukakaro 2014, 07:05, par Mahoro
Har,ubuzeze bubiri bwanditse nkakiyita Mama na Mwami bufise ivyiyumviro vyogusega.Ndababaze cndd fdd yatanguye ryari?itangujwe nande?kuber,iki?abari bagize komite des sages muri 2005 ubu bimeze gute? Kubuza les haut parleurs nikwanka iki?jewe uwo nohanura yokwitwara neza kuko ntawarazi ko Dossier Giswaswa yo vyutse apres 4ans .murakoze
5 Mukakaro 2014, 17:13, par r
Abarundi murababaje pe!abo bavugira leta amabi ikora bashobora kuba hari inyungu babikuramwo,kubera igihugu cu burundi nta terambere gifise,ubukene buri mu banyagihugu buteye ubwoba,inzara iramara abantu,hanyuma ngo murafunga abavugira abanyagihugu,murumva mugana he,kandi bamwe bakize abandi bakenye,ndagaye cane abatutse uyo mutama,kubera arabavyaye kandi ivyo amaze kumarira igihugu ciwe mwe nta nivyo muzopfa mushitseko,kandi ugwo mumucira sigwo ruzomuhitana mutari Imana,muve i buzimu muje i buntu,kandi ingoma zirahinduka iyo mwishingikirije ihohotera abandi ntizokwamaho.
5 Mukakaro 2014, 18:55, par Claude
Ako mama ntimuze mugatako umwanya,nakabonerakure k’inkandagirabitabo,rero kavuga uko ubwenge bwiwe bungana.
5 Mukakaro 2014, 19:07, par Gihimbare
Mwami na Mama, mu vyiyumviro mushikiza ndibaza yuko ata bumenyi mubishiramwo ahubwo muzohava musanga ari mwebwe mutera umutekano muke mu gihungu. Abakera barayamaze ngurucira abandi rugatwara so kanatsinda imana ihora ihoze.
5 Mukakaro 2014, 19:17, par UMWAMI
We mahoro CNDD-FDD wewe ntayuzi,uzoyibaze abayizi neza,kandi bazi aho yabakuye,nayo wewe uri nkumwana wikitazi.CNDD-FDD abayizi neza ni babanyokuru na batama,bahoze barara mugihurunone ubu basubiye kuryama mumazu yabo,abandi ni abanyagihugu batobato muri rusangi,bakuweko 1000FB ya for de guerre BUYOYA yahora anyaga abanyagihugu ngo nayokumara abantu,abo bantu nabo ucubabona abaribo,kandi nawewe wosanga warimwo mubarondegwa ico gihe c’umusi mubi!!??.
5 Mukakaro 2014, 21:56, par Kigongwe
ICAMBERE MWOMENYA NIKI. MBONIMBA N’UMUSHINGANTAHE TURAZI KO ABO BAZA ARABO BARONDEREYE UBURANGAMUNTU BWAMAGENDU ARIKO NAGOMBA KUBABWIRA ABO BA DD BIBUKEKE IYO BAVUYE HANYUMA BAMUREKURE KANDI BITEBE BITEBUKE AZOREKURWA KANDI ABAMUSHIZEYO BAZOGASUBIRAMWO KANDI MUZOBONA INGARUKA MBI KANDI NUBU ZARATANGUYE MBEGA NDABABAZE? UMUSHIKIRA NGANJI WINTWARO YOHAGATI MUGIHUGU MURI NORVEGE VYAGENZE GUTE NUBU NTARAVUGA ICARI CAMUJANYE KO CAGENZE NEZA.
31 Rusama 2015, 18:04, par Anicet
Mbonimpa Niwe Dusigaranye Mu gihugu C’uburundi Kandi Turamaze kubona Ko mbonimpa Reta Itamwerekwa Kuko Avuga Ukuri Ahubwo Leta Niyikubite Agashi