Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abacamanza basabwe gutebutsa imanza n’ukwisunga akarangamutima
Abacamanza basabwe gutebutsa imanza n’ukwisunga akarangamutima
mercredi 18 Nyakanga 2013
Mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, ku munsi w’ejo kuwa kabiri, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaratanguje umwaka mushasha w’ubutungane 2013-2014. Petero Nkurunziza yasavye abacamanza gutebutsa imanza, kandi zizewe.
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yamenyesheje ko kugira ubutegetsi bugende neza, bugezurwe kandi busuzumwe, hari hakenewe ubuhinga bufatiye ku biharuro bwerekana ibimaze gukorwa n’ibiteguwe gukorwa.
Petero Nkurunziza yibukije ko imanza ziciwe ntizishirwe mu ngiro ata gaciro ziba zifise, kandi ari nazo zirwiza amatati, zigatuma n’abanyagihugu batakariza icizere inzego z’ubutungane. Yahamagariye abacamanza kwubahiriza amategeko n’akarangamutima kagenga umwuga wabo.
Umushikiranganji w’ubutungane, Pascal Barandagiye yamenyesheje ko imanza 9000 arizo zashizwe mu ngiro mu minsi ijana, mu mugambi IRR ( Initiatives à Résultats Rapides) wo gutebutsa imanza.
Uwo mwaka mushasha w’ubutungane wuguruwe inyuma y’ukwezi kumwe gusa habaye inama rukokoma y’ubutungane. Muri iyo nama hakaba haratanzwe ivyiyumviro n’ivyokorwa mu ntumbero yo gutorera inyishu ibibazo biri muri ico gisata.
Egide Nduwimana
Messages
25 Gitugutu 2013, 11:35, par ntancuti
Nyakubaha ivyo nivyiza Gose kandi turabisha .ariko nagirambaze mbega mu Burundi ubutungane burahiri? canke se harukuri guhari ? niba mukeneye ko ifgihugu kivamwo ikibi ni mushire ukuri imbere . Imanza zose zikomeye mekoye zose ntizigera zumvuirizwa . akarorero Mbega abishe Président NDANDAYE Mélchiol baraciriwe Urubanza ? mbega barihehe ? Ntitubana non niki gituma Mutabashira murubanza ? abishe MANIRUMVA bari hehe ? ko uruvbanza rwabo rwaheze ? nyakubahwa ni mwebwe mukwiye kurekura ukuri kugira twebe bene gihugu dukire .
atarivyo intambara ni ryane zozoguma zibaho .Ukuri muvuga nikutabaho.