Abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi barengutse ubwa mbere imbere ya sentare

Yanditswe na IGIHE
Kuya 14 décembre 2015 saa 02:41
Yasomwe : 81144
0 0

Abagirizwa kugerageza gutembagaza ubutegetsi kuwa 13 Rusama 2015,barengutse muri sentare ntahinyuzwa. Baburaniye mu ntara ya Gutega aho basanzwe bapfungiwe.
Uko ari 28 bagirizwa ivyaha bitatu harimwo gushaka gutembagaza ubutegetsi,guhamagarira abanyagihugu gufata ibirwanisho bakarwanya Reta hamwe no kwica abasirikare,abapolisi n’abanyagihugu hamwe no gusambura no kwonona inyubako nyinshi.
Bose hamwe bavuze ko badashobora kuburana kuko uburyo bapfunzwemwo butubahirije agateka ka zina (...)

Abagirizwa kugerageza gutembagaza ubutegetsi kuwa 13 Rusama 2015,barengutse muri sentare ntahinyuzwa. Baburaniye mu ntara ya Gutega aho basanzwe bapfungiwe.

Uko ari 28 bagirizwa ivyaha bitatu harimwo gushaka gutembagaza ubutegetsi,guhamagarira abanyagihugu gufata ibirwanisho bakarwanya Reta hamwe no kwica abasirikare,abapolisi n’abanyagihugu hamwe no gusambura no kwonona inyubako nyinshi.

Bose hamwe bavuze ko badashobora kuburana kuko uburyo bapfunzwemwo butubahirije agateka ka zina muntu. Bavuze ko bapfunzwe nk’ibikoko ivyo bakenera vyose babigirira mu cumba bapfungiwemwo,rero ko badashobora kuburana uburyo bapfunzwemwo butarahinduka.

Bavuze ko ataworenguka imbere y’ubutungane atari umuntu baca basaba gusubizwa kuba abantu gutyo babone kuburana.

Abo bagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi basavye kuronswa dosiye y’urubanza y’urubanza kuko bayiheruka mu kwezi kwa Gatanu haheze iminsi mike bahagaritswe.

Mwomenya ko muri abo bagirizwa kugerageza gutembagaza ubutegetsi mu kwezi kwa kane harimwo abahoze bafise amabanga akomeye mu gihugu harimwo nka General Cyrille Ndayirukiye yabaye umushikiranganji wo kwivuna abansi hamwe na General Prime Ngorwanubusa yahoze ari umunyamabanga ntayegayezwa mu nama nkuru y’umutekano.


Kumenyekanisha

1
Joker 17-12-2015 à 18:11

emwe ! nukuburyarya bwaje uwo mwita umukuru wigihugu aba ariwe araho muri ariko nimwihangaho arakibitera biracaza ntarye rero aryame iyo nkona yishimiy niyo izomutoboramaso nabamushigikiye

2
nkurunzinza 17-12-2015 à 15:59

iciyumviro canj Nuko ubu butegetsi buriko buriko buratoyobora naco because they are doing nothing they are killing people

3
None ? 17-12-2015 à 00:27

Muvyaha bibiri vyokorwa bigatera amariranimiborogo bikomeye mu Burundi, ico ca kudeta gizakumwanya wa 2 kuko ikiza kumwanya wambere nukwica umukuru wigihugu. Mfatiye kucaha cokwica umukuruwigihugu jewe nabonye nubwo wohendahendagute kwica umukuru wigihugu bitegerezwa guteza amarira nimiborogo kubabigizemwo uruhara nabatabigizemwo uruhara, ivyonavyo twarabibonye canke twaravyumvise igihe hicwa president Ndadaye wuburundi, twaravyumvise ivyakurikiye iyicwa ryaba presidents 2 (Havyarimana

4
Regis 16-12-2015 à 08:31

sukobatembagazubutetsi akaga nuguhigumuhigo ntuwuhigure ntibazovemwo

5
mukizwa 15-12-2015 à 21:11

ahubwo nimubarekure kuk ubu butegets 90%ntibabukeneye.Kand iciza sukwic kuk ataciza kiva mumaraso

6
SALUM 15-12-2015 à 16:46

AHUBWO MWARABANEJE JENARINZIKOBAMAZEGUHO NIMUBIREREKO,BASHA ABONITUZEYEKURUPFU

7
Gahiri 15-12-2015 à 14:33

Ndumva Arihatari None Gikuru Nikubarengutsa Ahubwonibaganire Nababatuvye Hama Abarundi Twibere Mumahoro Kandi Reta Nasaba kitodadaza Kukonabo Barashonje.

8
maso 15-12-2015 à 13:59

ico mwita icaha cambere. gutembaagaza ubutegetsi, kiryagihe ntabwariho kari akajagari. bagira bagarukire igihugu. kugumura. uwagumuye n, uwiyongeye mandat kunguvu. kwica abantu muri rusangi kuko abasoda n, abapolis nabo n, abantu. turazi ababica. vyobaye vyo iyo ataba n, ubu bapfunzwe abantu baguma bagandagurwa.

9
ndibanje 15-12-2015 à 09:13

Amashure y’ubwicanyi Nkurunziza yarayanonosoye kweli ! Ubu kugira ngo yibagize ivyo yaraye akoze yaciye arengutsa abo yita puschistes. Amaraso ya bene Burundi ni ngombwa amuhumire kuko naho yoramba nta vyaka ijana azoshikana. n’akamanyu k’umutsima kamuryoheye uyu musi ejo kazomuniga !

10
jis 14-12-2015 à 21:54

bafunge rwose mubadunuze coup deta sumukino !!

11
Ckidaidi 14-12-2015 à 21:47

AHA TURI HARABANDI WIBUKE KO ATAWUZOGURA UBUZIMA BWOKWINOSI ICUDASHAKOBAKUGIRI NTUKAKIGIRIRE ABANDI. (twobaduke mukadusangira)

12
nyishuu 14-12-2015 à 21:41

Abantu sibeza kwisi yimana mana randura umintu yifuza guhanisha uwundi urupfu nta numw adacumura ariko kwisi hahan uwufise ubushobozi nta numw atish muri politik ariko bose barera ariko uwufise igisoda cank igipolic nta caha w akor kuko yiyita kibirengey ninde azi ukurakar kwimana reka guturubik uwo mwonde rimw ni muharir kuko ejo muzoharirwa

13
Ntiyaruzwa 14-12-2015 à 21:33

Baburane Canke Bareke Ntibera Ntanumwe Azosohoka.Mbega Bo Kobakoze Amaraso Barubahirije Agateka Kazina Muntu ?Inkona Ntiyaruzwa Kirazira !

14
Ntiyaruzwa 14-12-2015 à 21:31

Baburane Canke Bareke Ntibera Ntanumwe Azosohoka.Mbega Bo Kobakoze Amaraso Barubahirije Agateka Kazina Muntu ?Inkona Ntiyaruzwa Kirazira !

15
Célestin Bigirimana 14-12-2015 à 20:51

Nibabohe Izo Ntumva,mpaka Maisha.

16
SUBIRI 14-12-2015 à 20:43

NONE ntimuri IBIKOKO NYENE nta Buntu bw’ABICANYI muragomba MUREkE kuburana

17
Ndayishimiye 14-12-2015 à 19:40

Babacire Rwiza Kukira Twizera Ubucamanza,kandibaborohere Zemuvyobansaba,kuko Umuntu Abaumucah’aciriwe Urubanza.

18
H P 14-12-2015 à 19:34

Mama Kiza Burundi

19
Jc 14-12-2015 à 18:50

nibaba stembe baragapha,bakwiye kunyongwa muri stade

20
Emmaus 14-12-2015 à 18:29

Sha,jenibaza Ko Kwica Atarivyo Woshira Imbre,ahubwo Ukwumvirizwa.

1 | 2

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha