Abagirizwa urupfu Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA barengutse muri sentare

Yanditswe na IGIHE
Kuya 2 août 2016 saa 06:56
Yasomwe : 50859
0 0

Abantu umunani bapfunzwe bagirizwa urupfu rwa Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA yarengutse ubwa mbere imbere y’ubutungane kuri uwu wa mbere, muri sentare ya Gitega.
Bari kumwe n’ababafasha kuburana, basavye ko bohabwa umwanya kugira bige neza ibiri muri dosiye y’ivyo bagirizwa, urwo rubanza rukaba rwaciye rushirwa ku rindi sango ritamenyeshejwe.
Kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 2 Myandagaro 2016, umwaka umwe uramumanye neza Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA yahoze arongoye ibiro (...)

Abantu umunani bapfunzwe bagirizwa urupfu rwa Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA yarengutse ubwa mbere imbere y’ubutungane kuri uwu wa mbere, muri sentare ya Gitega.

Bari kumwe n’ababafasha kuburana, basavye ko bohabwa umwanya kugira bige neza ibiri muri dosiye y’ivyo bagirizwa, urwo rubanza rukaba rwaciye rushirwa ku rindi sango ritamenyeshejwe.

Kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 2 Myandagaro 2016, umwaka umwe uramumanye neza Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA yahoze arongoye ibiro bikuru vy’igendereza mu Burundi yitavye Imana ahitanwe n’igitero c’abantu bamutegereye ageze kw’ibarabara RN1, hafi y’ibitaro vyitiriwe umwami Khaled.

JPEG - 65.1 ko
Umwaka uraheze Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA agandaguwe

Inyuma y’indwi imwe gusa Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA agandaguwe, umushikirizamanza kizigenza wa Republika Valentin Bagorikunda yamenyesheje ko abakoze ico gitero cahitanye iyo ntwazangabo kuw’Imana igenekerezo rya 2 Myandagaro 2015, mu Kamenge, bamaze kumenyekana.

Mw’itangazo yashikirije, Valentin Bagorikunda yavuze ko abamugandaguye bamaze gufatwa, ariko ko ababatumye bakiriko bararonderwa.

JPEG - 61.2 ko
Imodoka yarimwo Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA yarashwe amasasu menshi

Muri iryo tangazo, umushikirizamanza kizigenza wa Republika yavuze ko imodoka yakoreshejwe muri ubwo bwicanyi yavuye mw’ikambi y’abasirikare yo mu Ngagara, ariko ko bahejeje kuyikoresha muri ubwo bwicanyi baciye baja kuyituririra ku Musaga.

Tubibutse ko mw’ijambo yashikirije kuri uwo munsi nyene, inyuma y’amasaha make Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasavye Imana ko yoja imbere abakora amatohoza, kugira abakoze ubwo bwicanyi batabwe muri yompi, bongere bahanwe mu maguru masha.

Muri iryo jambo, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yagize ati : "Dusavye inzego z’umutekano ko mu kiringo kitarenze indwi imwe gusa abo babisha boba bamenyekanye, bafatwe kandi barengutswe imbere y’ubutungane."

Abakunzi b’umuhisi Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA bateguye kuri uwu wa kabiri urugendo rw’ukumwibuka, bakaba mbere bashize ingori z’amashurwe mu kibanza iyo ntwazangabo yiciwemwo.


Kumenyekanisha

1
eric 26-08-2016 à 20:15

Nibahanwe

2
j.bosco 15-08-2016 à 15:15

ABAKOZE UBWO BWICANYI NIBAHANWE BIKOMEYE.

3
NIYONGABO RICHARD 11-08-2016 à 23:27

MANA dutabare uturokore abarundi n uburundi bwacu kuko tugiye gupfa nk abana b inyoni.

4
Uwihoreye 3-08-2016 à 13:55

Ndakenda Maman Mugiringendo Mwibuka Inkozi Zikibi Mwese Muzohera,sink’iyombwa Ngo Ni Pierre Nkurunziza Naguswera Nyina Wiwe,narindire,bizohinduka Uwagitanguyeko Ugira Niwakiriko ?Ntabwemge Mufise,nkenda Maman Bihindutse Umu CNDD FDD Namavya Tuyoshingako Namenyo.

5
FIDELE 2-08-2016 à 22:05

SHA BIRABABAJE SHA ?INTWARI’NKIRYA

6
muco 2-08-2016 à 13:11

imana ishimwe kuba waritavye uwakuremye ibisigaye nizere kuri imbere yubutungane butarenganya wishure ivyo wakoze wihangane urindire bunyoni nkurumbi kazung mwagirizanye ivyo mwakoze

7
MUHESHI 2-08-2016 à 13:05

YESU HINDURA ABO BANTU BAZINZWE NA SHETANI.

8
Christophe Manirampa 2-08-2016 à 11:26

YOHOO !!! HACO MUVYURA DOCIEN ZAHEZE NKURUNZEZE KOTUZI ARIMUBAGIZE URUHARA MUBAMWISE KANATSIND NIMAWE YAMWISHE NGOYOMUTWARA IGIHUGU NTACOSH ABARUNDI BAZOSHIR URYE. UBUNA NAWE YOPFA

9
Falcon50 2-08-2016 à 10:56

Imana yaradutabaye yadukuyeko shetani rusuferu adolph.

10
Sun Chun shan 2-08-2016 à 09:58

Mchezo wandani none muvuga ko yishwe nabande ? Muriko mushaka kudusiga inkore kumaso kandi yavuye ahari habereye inama yarimwo BUNYONI, NYAMITWE, PETERO, nabandi yamaze kugandagurwa imyaka hama muca mupanga uwundi mutego kugira mutwerekeko ariwo yaguyemwo oya gezaho kabisa mugabo hamwe ndarwa nkagaruka mwakuye intambamyi munzira mwarakoze cane,,,,,

11
morodikayi. 2-08-2016 à 09:39

Nubwo abicanyi nka Adolphe NSHIMIRIMANA bakiriho njanye agende kubazwa icoyahoye Dogiteri wacu, mwikambi yimuyovozi muri Tanzania, nabandibeshi ya ramaze kwisasira. ahubwo abamukubise, Nkurunziza peter ya rakwiye kubambika umudari wubutwari nkuko yirirwa arayambika ababaye rurangiranwa mukwica.

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha