Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Ubutungane
Abagirizwa urupfu rwa Général Athanase KARARUZA bumvirijwe n’ubutungane
Yanditswe taliki ya 29-04-2016 - isaha 17:06' na IGIHE

Abasirikare bane baheruka gutabwa muri yompi bagirizwa urupfu rwa Général Athanase KARARUZA barengutse mu butungane kuri uwu wa mbere. Abo basirikare uko ari bane bose bari kw’ipete rya Caporal.

Abo bamvirijwe n’ubutungane ni Caporal Chef NIKOYAGIZE Prosper, Caporal Chef BIBONIMANA Léonidas, Caporal Chef GATERETSE Roger hamwe na Caporal NDUWIMANA Viateur.

JPEG - 69 ko
Imodoka yari yunguruje General Athanase KARARUZA

Mw’itangazo umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, Valentin BAGORIKUNDA yasohoye kuri uwu wa kane, yamenyesheje ko amatohoza abandanya kugira abakoze ubwo bwicanyi, hamwe n’ababuteguye batabwe muri yompi.

Caporal Roger Gateretse hamwe na Caporal Prosper Nikoyagize bahora bacunga umutekano ku rugo rwa Général Fabien Nzisabira, yashinzwe amabanga mu gihugu c’Ububirigi (attaché militaire). Urwo rugo narwo rukaba ruri muri karitiye ya Gihosha, mu gisagara ca Bujumbura, ari naho abo basirikare babiri bafatiwe.

Tubibutse ko kuri uwu wa mbere, inyuma y’urupfu rwa Général KARARUZA Athanase, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yatanze ikiringo c’indwi imwe gusa kugira inzego z’umutekano zizobe zafashe kandi zashikirije ubutungane abagandaguye iyo ntwazangabo y’igisirikare c’Uburundi.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ati : « Turasaba dushimitse, twicishije bugufi, ko Imana yotuja imbere, kugira abakoze ako kabi kabishe batabwe muri yompi, bongere bahanwe mu maguru masha, hakurikijwe amategeko. Dusavye inzego z’umutekano ko mu kiringo kitarenze indwi imwe gusa abo babisha boba bamenyekanye, bafatwe kandi barengutswe imbere y’ubutungane. »

Ivyiyumviro vyanyu

imana ibaharir

2.05.2016 à 14:19
buhanza

nkurumbi uzajya hehe wowe

1er.05.2016 à 23:39
kadafi

ahubwo ,yaba,arijewe umuntu afashwe yishe name ,abakwiye kwicwanawe,

30.04.2016 à 23:58
gasupari bujumaura

Hamwe Abo Babisha Bofatwa Bagahanwa Vyoba Vyiza Imana Yoba Ikoze

30.04.2016 à 20:51
Pascal

Imana Imuzigame.Ntakundi Ubuzima Bumez Gutyo.

30.04.2016 à 19:33
Ernest Loveless Ntiharirizwa

MBEGA ABOBAKUBUZIMABANDIBABAHORAPORITIKE VYOSE BIKWERWANAMANDAYAGATATU ?NIBARINDIRE HASIGAYIGIHEGITO

30.04.2016 à 07:46
MICHEL

vyose nivyigihe ntamwaka ijana bazodutwara

29.04.2016 à 20:35
burundi

NONE ABOBA CAPORAL BAGIRIJWA IVYO BARAVYEMERA KWARIBO BABIKOZ ? NIBAHANW NIMBARIBO BABIKOZ ! NAKAMARAMAZA

29.04.2016 à 18:23
MUYAHUDI

Ewe caporal FAB waragowe !!!!!!!

29.04.2016 à 18:13
Ndayahoze

None Kuki Ubu Bwicanyi Mu Burundi Budahera ?Ingaruka Ni Kuri Bande Ko Ari Kuri Twebwe Abarundi ?Urwaruka Nta Kazi Kuki Mana Utotabara Uburundi,twuzuyemwo Incabwenge,igisirikare,igiporisi Kuki Ibi Bitohera ?

29.04.2016 à 17:54
Miburo Evariste

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.