Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Ubudandaji
Abagore bakora urudandazwa njabukambibe basaba abanyaporitike mu Burundi kugarukana amahoro
Yanditswe taliki ya 9-05-2016 - isaha 11:14' na IGIHE

Abagore bakora urudandazwa ruto ruto rujabuka imbibe bo mu Burundi, Urwanda, hamwe na Repuburika Iharanira intwaro rusangi ya Congo barasaba abayobozi bo mu gihugu c’Uburundi kugarukana amahoro kugira akarere k’ibiyaga bigari gakomeze kugira amahoro arama.

Aba bagore bahurikiye mw’ishirahamwe COSOPAX (Commercante Solidaire pour la Paix dans les grand Lacs), bavuga ko kuva umutekano muke utanguye kwibonekeza mu Burundi, bandikiye ubuyobozi bukuru bw’ico gihugu basaba amahoro, ariko kugeza ubu akaba atakirakorwa.

Uwuserukira abagore bo mu Burundi bari muri iryo shirahamwe, Munezero Elina yavuze ko n’aho umutekano muke ukigaragara, bo nk’abakora urudandazwa rujabuka imipaka bafashanya ku buryo atawuhohoterwa muribo.
Yagize ati : “Mu Burundi murabizi ko umutekano muke uhari. Turabandanya gukora ibikorwa vyacu, turasaba Abanyarwanda n’Abakongomani badufashe baze barinjirana ibintu cane kugira ubucuruzi bwacu bugende neza n’amahoro aboneke biciye mu bucuruzi.”

Mukarugeruza Rosette aserukira abagore bo mu Rwanda yagize ati : “Mu ntango bigitangura, abagore bose b’amadiyoseze ane twishize hamwe turandika, twandikira abayobozi b’Uburundi tubasaba ko ico boshira imbere ari umwumvikano, kuko guhangana ata kintu bimaze.”

Justine Kiringwi wo mu gisagara ca Kamanyora (RDC) yavuze ko bamaze kumenya ko abanyaporitike aribo bari hejuru y’imvururu ziri mu Burundi, kubw’ivyo akabasaba guhindura ivyiyumviro kuko ibibahuza biruta ibibatanya.

Abo bagore 60 basavye abanyeporitike b’Uburundi kugarukana amahoro akaba ari abakora urudandazwa ruto ruto rujabuka imipaka bo mu Burundi, Urwanda, Repuburika Iharanira intwaro rusangi ya Congo, bakaba baturuka muri Diyoseze Gatorika ya Cyangugu, Bukavu, Kamanyora na Bujumbura.

Ivyiyumviro vyanyu

oyaa jewe naramwabiriye gusa ntiyanyivye

11.05.2016 à 10:58
aaaaaa

uyo justine ndamuzinimarayarutumwako yoransahuye namagarayaratwaye mwi hotel arahazi ahoyanyibiye

9.05.2016 à 11:43
gikwete

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.