IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abahutu 40 n’abatutsi 26 mw’ishure rikuru ry’ubucamanza

Abahutu 40 n’abatutsi 26 mw’ishure rikuru ry’ubucamanza

mardi 29 Mukakaro 2014

Abahutu 40, harimwo abagabo 28 n’abapfasoni 12 hamwe n’abatutsi 26, abagabo 18 n’abapfasoni 8 nibo baherutse gutorwa kugira baje mw’ishure rikuru ry’abacamanza.

Ivyo bikaba ari ivyavuzwe na Charles Nduwimana, umukuru w’umurwi wari ujejwe ico kibazo giha uburenganzira abacamanza bakuru bakuru kuja muri iryo shure, mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru. Uwo mukuru w’umurwi akaba yavuze ko ico kibazo mu Burundi bwose cari citwabwe n’abanyeshure bagera kuri 770, mu gihe ibibanza bitegekanijwe bitarenga 66.

Charles Nduwimana rero, akaba yamenyesheje ko ubushikiranganji bw’ubutungane bwisunze cane ubumenyi, ubwoko n’igitsina kugira ubusumbasumbane buri mu gisata c’ubutungane buhere nk’uko ndetse bisanzwe biri no mu masezerano y’i Arusha.

Mukamenya ko iryo shure ry’ubucamanza rije mu ntumbero yo gushira mu ngiro mu cegeranyo cavuye mu nama rukokoma y’ubutungane.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.