IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ubutungane bukwiye gutumako ibihangange vyavuzwe mu bwicanyi (...)

Ubutungane bukwiye gutumako ibihangange vyavuzwe mu bwicanyi bw’ababikira

mercredi 4 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Abanyeshure bo muri kaminuza nderabigisha ENS (Ecole Normale Supérieure) basaba ubutungane bw’Uburundi gutumako ibihangange vyavuzwe muri bwa bwicanyi bwakorewe ba babikira batatu b’abatariyanokazi, bicwa bunyamaswa kuri paruwase ya Kamenge.

Mw’itangazo ryasohowe n’abo banyeshure kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 4 Ruhuhuma, rigaterwako igikumu na Nduwayo Venutse arongoye ishirahamwe ry’abanyeshure bo kw’ishure nderabigisha ENS (ASSEFED-IMBONEZA), bamenyesha ko barajwe ishinga n’ifungwa ry’akarenganyo ry’umumenyeshamakuru akongera akaba n’umuyobozi w’iradiyo RPA Bob Rugurika.

Abo banyeshure basaba Reta y’Uburundi hamwe n’umushikiranganji w’ubutungane kurekure Bob Rugurika kugira ashobore gusubira mu biwe. Ku bw’abo banyeshure, Bob Rugurika mu matohoza yagize yaratanze umuco ku vyerekeye iyicwa ry’abababikira bo kuri paruwase Guido Maria Conforti batazira kwa "Buyengero". Icari gisigaye n’uko vyari bikwiye ko ubutungane butumako abavuzwe muri burya bwicanyi kugira bashobore kubazwa, hako bugumya mu mvuto Bob Rugurika yakoze amatohoza.

Abo banyeshure basaba abanyagihugu b’Uburundi hamwe n’amakungu gukurikiranira hagufi ifungwa ry’akarenganyo ririko rigiriwa umumenyeshamakuru Bob Rugurika, kugira abakoze burya bwicanyi ntibashobore kumenyekana.


Floxella Karire

Messages

  • Abanyeshure ba ENS, Kubera iki? Intumbero nyamukuru ni iyihe? Ivyo bavuze ntawobigaya kweli, kuko babisangiye n’abandi batari bake. Mugabo, Kubera iki basohoye ururimi ubu, kubindi vyahora biba ntitubumve? Ko ubwo bwicanyi bumaze igihe buvugwa bakaba batari bwavuge, bari batebejwe n’iki? Ubu ho habaye iki kugira bibuke gusohora urwandiko? Mumategeko agenga iryo shirahamwe ryabo, ivyo bisanzwe birimwo?
    Umunyeshuli wa kaminuza ni umuntu akuze, aciye ubwenge, azi kwihweza ibintu akabona imvo, imvano, intumbero n’ingaruka. None muri urwo rwandiko basohoye ico bagamije (objectif et mobile) ni ikihe? Ivyo gusaba ubutungane ngo bukore ibi canke biriya ntagishahsa bavuze kuko hari benshi babigize kandi nubu bakibandanya. Gishasha ni ikihe se?
    Si ce n’est pas une main invisible qui est derrière, c’est peut-être une bouche; en tout cas pas une tête.

  • Ndabumva ivyobavuga ariko nkabanashaka kuvuga utuntu dushika tubiri: Ndababwirako kuva iryoshure ribayeho nibwobwambere numbise bakora iciyuviro nkico nkabarihonibazanti hobaharihariho abababuza, canke nkamajambonkayo yarisanzwe avurwa bwobabubayubwambere bumba abantu bavurwako amabinkayo. Icakabiri kuva iryoshure ribayeho nibwobwambere bumba umuntu runaka yagirizwa nabanturunaka ngoyakoze ishano? Ikindikibazo kodukunzekuvugango reta yakera twitako yariyubwokobumwe mwocamwandika ngonibarengutswe kandimuvyukuri muvyabaye atawobiharurakuribose!? Rekatwibukanyegatoya kugira tumenye igijetugezemwo icarico, mbentimuziko ngaha iwacu Burundi ko amarementanya kwariyoyasubiriye ivyitwa Freedom of speech mubindibihugu vyateyimbere? Ndarangije ndababwirako ngaha Burundi nabantubeshi bamazekuvurwako ibinturunaka ariko ntimwaribwandike ngomuvugeko bohamagarwa nubutungane!.

  • Nanje mbona ko ubutungane bwokora atawe burenganije,kuriyo dossier yababikira,amakenga agahera,nubundi abakoze ayo mahano badahanywe,bazobigirumugenzo natwe dusigaye batumare?

  • Bakundwa ndabaramukije iy’o ufashe umwana ukamurerera kuwundi misiyose ikivamwo nico.kugira ubutungane bubaze abavuze mubwicanyibababikira bomukamenge?icaka2 kwabaribafashwe bagapfunganwa naklisye apfunzwe azira ubwobwicanyi babarekuye mbega babarekuye amatohoza akibandanya? mbabajwe niherezo ryabarikobakoreshwanabi.UBURUNDI NUBWOGU SENGEGWAPE! Imana ifashe sebarundi afate abarundicokimwe kukonumuvyeyi.

  • kubwanje abarinyuma yubwicanyi bahabwa inguvu nubutegetsi kuk abama bavuzw mububisha bwose bari munzego nkuru zigihugu,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.