Batandatu mu banyeshure bagirizwa gutuka umukuru w’igihugu bahawe umwidegemvyo

Yanditswe na IGIHE
Kuya 8 juin 2016 saa 10:02
Yasomwe : 20205
0 0

Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika yatanguje dosiye y’amatohoza ku banyeshure bo ku mashure yisumbuye atatu yo mu ntara ya Muramvya, bagirizwa icaha c’ugutuka umukuru w’igihugu. Batandatu muri cumi n’umwe bagirizwa ico caha bahawe umwidegemvyo w’agateganyo.
Dosiye ya mbere ni RMP 16336/NPC ikurikirana abanyeshure batandatu bakiri abana (Mineurs), ariko abo batandatu bakaba kuri uwu wa kabiri bahawe umwidegemvyo w’agateganyo.
Dosiye igira kabiri ni RMP 16337/HG ikurikirana abanyeshure (...)

Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika yatanguje dosiye y’amatohoza ku banyeshure bo ku mashure yisumbuye atatu yo mu ntara ya Muramvya, bagirizwa icaha c’ugutuka umukuru w’igihugu. Batandatu muri cumi n’umwe bagirizwa ico caha bahawe umwidegemvyo w’agateganyo.

Dosiye ya mbere ni RMP 16336/NPC ikurikirana abanyeshure batandatu bakiri abana (Mineurs), ariko abo batandatu bakaba kuri uwu wa kabiri bahawe umwidegemvyo w’agateganyo.

Dosiye igira kabiri ni RMP 16337/HG ikurikirana abanyeshure batanu bakwije imyaka y’ugukurikiranwa n’ubutungane (Majeurs), nabo nyene bagirizwa icaha c’ugutuka umukuru w’igihugu. Urubanza rwabo rukaba ruzoburanishwa nk’uko amategeko abitegekanya.

Abo banyeshure bagirizwa ko aribo bafutanganije isanamu y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA iri mu bitabu vy’ishure shingiro abo banyeshure bigiramwo.

Tubibutse ko n’abanyeshure 337 bo mu mwaka w’umunani kw’ishure shingiro ryo mu Ruziba, muri zone Kanyosha baheruka kwirukanwa bose bahorwa isanamu y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA iri mu bitabu bakoresha, iyo sanamu abanyeshure bataramenyekana bakaba barayisibanganije, mbere banditswemwo amajambo atyoza umukuru w’igihugu.


Kumenyekanisha

1
Js.M.Com 11-06-2016 à 00:36

Birasigubwenge kumvumwana w’muntu yiyita icegera c’IMANA pe.

2
Muco 8-06-2016 à 22:11

Abana Murabarenganya Ntibamututse Ahubwo Niwe Yitutse,kwigira Icegera C,Imana Nasatani Ntiyovyubahuka Nakomeze Arementanye Hari Igihe.

3
tari 8-06-2016 à 15:38

Ahubwo nakamaramaza kubona urwaruka rwacu rufungwa rukabuzwa kwiga nibintu bitagira umutwe namaguru none nubu ndabaza ivyobibondo mwarimwabifunze biziriki kubarekura gusa ntibihagije mutegerezwa kutubwira nico mwabahoye iyo ninda ndende yokurondera ivyomudya zamurasonza mwigumye naho uwiyita ko ari icariho kumana nagira ndamuvure urugohe ngiranti abobantu bose birirwa bakwirukanka inyuma babura kuguhanura gukora ibintu bizima ngo baragushigikiye ntakindi barondera atari utwo ubihera ngo birire ejo ahobukera bazokwihakana usigare ubarondera ahobaciye ubabure

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha