IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abanyeshure indwi bo mu Rumonge baciriwe umunyororo w’umwaka

Abanyeshure indwi bo mu Rumonge baciriwe umunyororo w’umwaka

mardi 19 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Abanyeshure indwi bo mu Rumonge bagirizwa ugusibanganya isanamu y’umukuru w’igihugu bahanishijwe umunyororo w’umwaka wose hamwe n’amande y’ibihumbi mirongo itanu. Bose bagirizwa icaha c’ugutuka umukuru w’igihugu.

Abo banyeshure uko ari indwi ni abo kw’ishure ryisumbuye rya Rumonge, hamwe n’ishure ryisumbuye rya komine Bugarama. Barahakana ico caha bagirizwa, bakavuga ko basanze iyo sanamu y’umukuru w’igihugu isibanganijwe, ariko sentare ikaba yababwiye ko bari kuba babimenyesheje ubuyobozi bw’ishure bakibibona.

Ababuranira abo banyeshure basavye ko ubutungane bwokwerekana uruhara rw’umwe wese muri ico caha bagirijwe c’ugusibanganya isanamu y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Mu gihe abashingwamanza babafasha kuburana bamenyesha ko icaha c’ukwonona igitabu c’ishure cohanwa hisunzwe amategeko y’ishure, sentare yamenyesheje ko hisungwa igitabu mpanavyaha, kandi ko abo banyeshure bagirizwa gutuka umukuru w’igihugu, ico caha naco kikaba gihanwa n’ingingo y’379 yo mu gitabu mpanavyaha.

Mu runani rw’amashirahamwe aharanira agateka k’abana (FENADEB : Fédération Nationale des Associations Engagées dans le Domaine de l’Enfance ) basaba ko ibihano bihabwa abana b’abanyeshure vyoza birisunga ineza yabo, hamwe na kazoza kabo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.