Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Abapfasoni binjiza ibidandazwa biciye ku mbibe z’Uburundi bubahirize (...)
Abapfasoni binjiza ibidandazwa biciye ku mbibe z’Uburundi bubahirize amategeko
mercredi 18 Kigarama 2013
Abapfasoni bo mu ntara ya Cankuzo bagira urudandazwa rwo ku mbibe Uburundi buhana na Tanzaniya, bariko barahabwa inyigisho, mu ntumbero yo kubafasha kumenya amategeko agenga umwuga wabo w’ubudandaji.
Mu nyigisho zari zitabwe n’umushikiranganji w’ubudandaji n’amahinguro Victoire Ndikumana ari kumwe na bamwe mu bakozi b’ikigo kijejwe kwegeranya amakori ya Reta OBR, bakaba basavye abo bapfasoni bacisha ibidandazwa vyabo ku rubibe rwa Gahumo, kumenyera gucisha ibidandazwa vyabo mu nzira zizwi n’amategeko, eka kandi bakagira n’impusha ndagabidandazwa.
Urwo ruganda rukaba rubaye mu ntumbero yo kurwanya abinjiza ibidandazwa vyabo mu nzira zitazwi, nk’uko vyashikiye bamwe mu bapfasoni bo mu gisagara ca Bujumbura, binjije ibidandazwa vyabo mu mpisho, bigatuma babitwarwa n’abakozi ba OBR kuko vyinshi muri ivyo bidandazwa, vyagaragaye ko vyinjiye bidaciye mu mategeko.
Umushikiranganji Victoire Ndikumana rero, akaba yamenyesheje muri urwo ruganda ko bagiye gutegura izindi nganda nyinshi, mu ntumbero yo guhamagarira abadandaza baba ku mbibe z’ibindi bihugu kwitwararika gucisha ibidandazwa vyabo mu nzira zizwi n’amategeko.
Aristide Nizigire