IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abaporisi bari bagavye igihe Petero Karaveri Mbonimpa yarenguka

Abaporisi bari bagavye igihe Petero Karaveri Mbonimpa yarenguka

vendredi 23 Rusama 2014

Abaje gutegera Petero Karaveri Mbonimpa igihe yarenguka muri sentare nkuru y’igisagara ca Bujumbura muri Chambre de conseil, bari bambaye impuzu z’urwatsi rutoto mu kwerekana ko bafise umwizero ko uwo arongoye APRODH buca arekurwa

Agishika igihe c’isaha zine n’igice, yakiriwe n’abantu batari bake harimwo umuryango wiwe, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye muri poritike na bamwe mu baserukira ibihugu vyabo nk’Ububirigi, Ubuhorande n’Ubumwe bwa Buraya. Petero Karaveri Mbonimpa akaba yakiriwe n’amashi menshi, harimwo n’abavuza amafirimbi, bose bagasaba ko yorekurwa. Akajagari kakaba kaciye gatangura, abaporisi barazibira amayira yose, baburagiza abari aho, bakanka ko ata n’umwe yinjira, ndetse n’abamenyeshamakuru bakaba batoroherejwe, yaba abafata amasanamu canke abashaka gukurikirana urwo rubanza, kuko baciye bahezwa hanze umwanya utari muto, mu nyuma barabareka barinjira. Bamwe mu banyagihugu rero ukaba wabona bariko bararira, abandi nabo bakavuga ko bafise umwizero ko buca arekurwa.

Pacifique Nininahazwe, umwe mu bari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike yari ngaho, avuga ko uwu munsi wa gatanu bise uwa gatanu w’urwatsi rubisi (Vendredi vert), ari umunsi bibuka igihe Petero Karaveri yafatwa, ndetse bagaca bagira umwizero ko ubutungane buca bumurekura kuko ataco yagirwa.

Inyuma y’urubanza, abamenyeshamakuru bakaba babariwe ko urubanza rugiye mu mwiherero, ko mu masaha 48 ariho hazomenyekana namba uwo mutama w’imyaka 66 agiye kubandanya apfunzwe, canke namba azorekurwa.

Twobamenyesha ko bamwe mu bari baje gushigikira uwo mutama aharanira agateka ka zina muntu n’akabapfunzwe bari bambaye impuzu ziriko isanamu ya Petero Karaveri Mbonimpa yanditseko ’’Rekura umutama PC Mbonimpa’’. Abandi nabo, bakaba bari bambaye ibirato bifise iryo bara, amahereni, amasaho y’abakenyezi bisa n’urwatsi rubisi hamwe n’ibirato. Bamwe mu baserukira ibihugu vyabo nabo bari ngaho, bakaba bariko bihereza ikinyobwa c’ifanta gifise icupa risa n’urwatsi rubisi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ubutunganenibwifuke amaso burekure uwo mutama pe.ineza yitugwi yindi.

  • Izodura zaba police ntiboja kubohoza imitumba abanya rwanda batwaye/aho kwigira ingwe mubanyagihugu

  • HAHAHAHAHAHAHAHAA NTIMWAMENYE INGENE MUVYIFATAMWO, KUKO IYO MWAMBARA AMAGUNIRA MUKISIGA IMINYOTA, BAGACA BABATWARA MU NKOROFANI, NIHO NAMAKUNGU YARIKUBONA KO BIKOMEYE BAGACA BAMUREKUZA. HIHIHIHIHIHIHIIII NAMYE MVUGA ABANYAMULENGE NA BA CONGO MANI NTIBASIMBURWA!!!!!!! YAMENYEREYE IBIZIGA VYABARUNDI, ABIGARAGUZA AGATI IGIHE ASHAKIYE, ARAWUNWA NAWE NTUMUNANIRA KUKO ARAKUZE.

  • Yewe SIHONDI Levis, Izina niryo muntu. Koko siho uri. Wibaza ngo uriho ariko wapfuye uhagaze. Ubu rero abantu bo mu butegetsi mwiharaje kuja kuri za websites mukora za commentaires zirwaye zo gutyoza abantu ngo niho bobona ko muri mu kuri muvyo mukora? Ni mukore ivyiza mushimirwe, ni mwabandanya ubwo bunyamaswa bwanyu, bazobavuga nyene.
    Kandi abarundi bareme igihe gishize sico gisigaye.

  • Muco reka gutera iteka icokintazi sihondi alexis ngari muri leta.uwo nimbonera kure arasunikwa nkakurya kwi piyo ya dame.

  • Muburundi uvuze ukuri ucupfungwa.Butungane rekura uwomutama!Hama intwaro yaba cndd igiye kurangira vuba mumashi canke mumigere mubimenye.

  • yewe mbonimpa nibagupfunge kuko wabesheye abantu bariho ngobarapfuye uburero nusigurire abarundi na makungu ico warutumbereye

  • muvyukuri sinzi amategeko ariko ubutungane bwarengeje urugero uwo mutama yarakwiye kuburana yidegemvya kuk ndakeka ko ataho yohava aja kuk naw arabizi ko nkatwe abanyagihugu batoya nabandi beshi tukimukeneye,murakze,

  • kuba atariho uri kigugu ntibisigura kuvuga ibisunitstwe nimpemu, ejo niwewe kandi ndazi ko mutama mukuvugira abarenganywa adatora nka mwebwe mwa bigugu vyimbonerakure mwemera kuja guhonera muri RDC ngo mushaka somalia. mubwire MUCO yamara bariye kutumva.

  • NIMUREKE GUTANAKO IMYIKOMO, NIMUSOME KURI SITE YA CIRAMUNDA RICHARD MURABE ABATEGUYE IVYO MBONIMPA YAVUZE NIVYO YEREKANYE, MWONGERE MUMENYE NICO BARIBAGAMIJE!!!!!!!! ICOMBONYE NSANZE ABATUTSI ARI INKOMA!!!!!!!! PACIFIC , VITAL , MUHOZI NA RPA MWARAWUMUTEKEYE KOKO HIHIHIII. UWOKWUMVA MUMUVUGIRA, YOGIRA NGO NURUKUNDO MUMUKUNDA NAHO ARI UKWIVUGISHA. PLAN ZA BATUTSI ZOGUCAFUZA ABAHUTU NTAHO ZIZOSHIKA, KUKO N’IMANA YARAMAZE GUSESEMWA NIVYO MWAKOREYE ABAHUTU, UBU IKENEYE KUBASHIRA KUMUGARAGARO!!!!!!!!! NIMURENDEGERE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.