IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abaporisi batandatu n’inkoho ku muryango w’aho Mbonimpa arwariye

Abaporisi batandatu n’inkoho ku muryango w’aho Mbonimpa arwariye

vendredi 5 Nyakanga 2014

Amagara ya Petero Karaveri Mbonimpa ntako yifashe n’ubu nk’uko vyavuzwe na Gabriel Rufyiri, igihe abari mu mashirahamwe ataho yegamiye muvya poritike n’ay’abamenyeshamakuru bari bahejeje kumusuhuza.

Gabriel Rufyiri rero, kubw’abari bavuye kumusuhuza, akaba yasavye ko Reta y’Uburundi yorekura uwo mutama afise imyaka irenga mirongo itandatu hamwe Imana yocana agatora ka mitende. Avuga ko n’ubu amagara yiwe atako yifashe kuva aho ajaniwe mu bitaro BUMEREC, avanywe mw’ibohero rya Mpimba aho yari apfungiwe yagirizwa ko yavuze imyimenyerezo ya gisirikare yariko igirwa n’imirwi y’abasore b’abarundi. Asaba abategetsi kwumviriza akamo bariko baraterwa n’ibihugu vya rutura nka Reta zunzubumwe z’Amerika, Ubufaransa co kimwe n’amashirahamwe mpuzamakungu eka n’ayo mu Burundi.

Muri urwo rugendo ku bitaro BUMEREC, abari mu mashirahamwe yigenga n’ay’abamenyeshamakuru bari bambaye impuzu zirimwo ibara ry’urwatsi rubisi, abandi nabo bambaye udupira turiko isanamu ya Mbonimpa, handitseko: ’’Rekura umutama Mbonimpa’’. Mukamenya ko aho arwariye uwo mutama asanzwe arongoye ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’akabapfunzwe, hacunzwe n’abaporisi benshi, ku buryo ku muryango w’aho arwariye, hari abaporisi batandatu, bose bafise n’inkoho.


Aristide Nizigire

Messages

  • RUFYIRI IMANA ICANYE CANKE NTICANE, IKIZOBA KURI MBONIMPA NTABURUNDI BUZOBA BWUBAMYE!!!!!!!!!!!!!!! AZOPFA NKUKO BARYABANDI UZI BAFUYE BAKABAZWA IVU!!!!!!!!!!! AHUBWO NIYATORA MITENDE BAGIRA BAMUSUBIZE MURI GETO, MWARI MUKWIYE KUMUCUNGURA MUKAMUSUBIRIRA, ATARUKO KWAMA MUSURIRA AHOMWICAYE NGO MURI BABIHOME HEHEHEHEHEHEHEEE

  • BWANA RUFYIRI,IGIHAMBAYE S’UKO ACUNGEREWE N’ABAJEJWE GUCUNGERA UMUTEKANO BENSHI,MBEGA RUFYIRI KO TUBONAKO MBONIMPA MWAMUHENZE,UBWO NTIMUSHAKA AHO MWOMUCA KUGIRA NGO MUMUGIRIRE NABI KUIRA NGO UKURI NTIKUJE AHABONA HANYU MUREMEKE IMISOZI N’AMABUYE LETA Y’UBURUNDI KO ARIYO YAMWISHE.NOBAHANURAKO MWOSHIGIKIRA IYI NGINGO YA LETA YOGUKINGIRA BA GATERANYA N’IBIGABA KUGIRANGO UBURUNDI N’AMAKUNGU BAMENYE UKURI KUVYO YAVUZE NIWABA USHAKAKO ABARUNDI TUVA MU MWIJIMA NIMUREKE UBUTUNGAND BUKORE

  • Eka ntubeshe siho uri kweli jewe ndibaza ko utari umuntu ahumeka ,nigikoko kirafita ico cubaha ,ntagapfe arafise ico yamaze nawewe sindakwifurije gupfa kuko ntaco uzi urabaho kugira umenye vyinshi.Ahubwo Imana ikubabarire.

  • ntakundi uburundi bwaragowe IMANA ibuje imbere gufunga nuwuburiye ubutegetsi atihe muragaba bigeze iyo hakurya BATI FATA FATA UYO MUMENJA aho muri harabandi kandi mumenye kw IMANA ikunda uburundi

  • Ubuho murambara icatsi kibisi,ndibuka igihe n ishesheti canke inkofero canke icambarwa icarico cose kirimwo ibara ry icatsi,wabura iyugikwirwa..m uburundi hafi nkahose none Amahoro nimeza kabisa nimwambare Utwo duhuzu basha nitwiza turababereye ntiworaba.
    .

  • @pancykos urarivuze, abonyene bahenze Mbonimpa nibonyene bazomurendura kuko barashavuzwanuko yariyabaye icamamare maze baramuhenda aremera.

  • bariyoberwa naww nyen wiyita mama muri ibito nkibitongati vyuma ntibacane kand umus uburundi bwshits kumaszerano yimana muzobur ingn mwifata kimw gusa ntamvura idahita kand ntajr ridaca.

  • WEWE WITITA SIHONDI SIHURI NYENE WARAPFUY’UMUTIMA MENYA NEZA KO UMUNTU APFUYE BIDAHERA ABACAMANZA BARASE KUMUCIRA URUBANZA RUMUKIZA ARIKO IMANA YO IZORUMUCIRA KANDI MUTAMA APFUYE BAMBONIMPA NTIBAZOPFA BOSE RWAGASORE YARWANIRA UKURI BARAMWICA ARIKO UKURI KWIWE NTIKWAPFUYE NGIRUBWENGE UREKE UBUJUJU KANDI HARIGIHE WOMUTANGA BACA UMUGANI MUKIRUNDI NGO IGITURUMBWE GICA KURIHISHIYE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.