Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Abaporisi bo mu ntara z’Uburaruko bagirizwa kwimonogoza mu kurya (...)
Abaporisi bo mu ntara z’Uburaruko bagirizwa kwimonogoza mu kurya ibiturire
jeudi 5 Ruheshi 2014
Umuporisi OPJ (Officier de la Police Judiciaire) wo mu ntara ya Ngozi yafatanywe itonga ariko yakira igiturire c’ishirahamwe SOGEA SATOM n’igiporisi kirwanya abarya ibiturire.
Igiturire c’amafaranga y’amarundi ibihumbi amajana atatu akaba arico uwo muporisi yafatanywe ariko ahabwa n’abakozi bo mw’ishirahamwe rikora amabarabara SOGEA SATOM . Yohani Sinzinkayo, umuporisi yfashwe ariko ahabwa igiturire, akaba ariwe yari afise urubanza rw’abakozi bo muri iryo shirahamwe bagirijwe ko baviduye igitoro mu miduga y’akazi kabo, aca abategeka kumuha amafaranga ibihumbi amajana atatu, kugira urubanza rwabo arurangize. Ishirahamwe SOGEA SATOM rero rikaba ryaciye ribivuga mu giporisi kijejwe kurwanya ibiturire, imbere y’uko ico giturire gitangwa, nayo uwo mu porisi afatanwa itonga ukwo.

Mwomenya ko abaporisi bakora mu ntara z’Uburaruko bw’igihugu bagirizwa kuba baranyomoje mu kwaka igiturire abantu, ndetse rimwe rimwe bakanagisaba kugira bamwe mu banyagihugu barenge amategeko izuba riva. Akarorero, akaba ari imiduga bita kagongo iva mu ntara za Kayanza zija i Muyinga, zipakira abantu nk’amakara, iyo miduga ikarengana neza ku bituro vy’abaporisi izuba riva, ariko babanje gufumbatishwa, inoti z’ibihumbi bibiri canke arenga.
Aristide Nizigire