IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Mbonimpa : "Abishe Ernest Manirumva bazoguma bayerera nka GAHINI"

Mbonimpa : "Abishe Ernest Manirumva bazoguma bayerera nka GAHINI"

jeudi 9 Ndamukiza 2015

Inyuma y’imyaka itandatu irangiye icegera c’umukuru w’ishirahamwe OLUCOME agandaguwe, abari mu rugamba rwo kuronderera ubutungane Ernest Manirumva bararahira bakarengwa ko batageza guhagarika, abamwishe badashengejwe.

Mu kiganiro abari muri ayo mashirahamwe bahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, igihe bari bavuye ku Mpanda ahashinguwe Ernest Manirumva, bakaba bavuga ko urubanza rw’uwo yari icegera c’umukuru wa OLUCOME rwazitswe nk’urw’uwari umukuru w’igihugu c’Uburundi Melchior Ndadaye mu mwaka w’1993, yagandaguwe bunyamaswa, nawe ukuri kukaba kutigeze kuja ahabona. Abari muri ayo mashirahamwe rero, bakavuga ko naho baterwa ubwoba, batageza guhunga, abarundi isinzi batamenye ukuri kuri abo bagandaguye Ernest Manirumva.

Ayo mashirahamwe akabandanya avuga ko n’abari basabwe n’igiporisi kijejwe igendereza co muri Reta zunzubumwe z’Amarika ko botanga amakanda yabo (ADN) hagakorwa amatohoza bitakozwe, aha bagatanga akarorero k’uwari umukuru w’igendereza w’ico gihe Général Adolphe Nshimirimana, Nikiza David hamwe na Egide batazira Runyanya, batigeze batanga amakanda yabo, kugira hakorwe amatohoza, ariko hagaca hafatwa nyabuna abadandaza b’ibiharage nka Ndayizamba Hilaire hamwe na Rwasa Salvator yaciye ahunga.

Abari muri ayo mashirahamwe bakavuga ko uwo RUNYANYA yigeze n’ugutumwako mu butungane, arabazwa mbere n’umutahe wo kumuhagarika wamaze n’ugusohoka, hakaba haciye haza itegeko "rivuye hejuru", baramureka arataha, mu gihe n’abaporisi bamufata bari bameze magabo. Mbonimpa Petero Karaveri umukuru w’ishirahamwe APRODH yari mu bariko baratanga ikiganiro, akavuga ko bamwe muri abo bagirizwa kwica Ernest Manirumva basigaye bameze nk’ibimaramare, nka Gahini yishe mwenewabo Aberi.
Mbonimpa ati : "Abasoma ijambo ry’Imana barabizi, Gahini amaze kwica mwenewabo yagumye ayerera. N’abishe Ernest Manirumva ni nk’uko, n’uwu munsi, baraciruka, kandi bazokwama biruka nka GAHINI".

Mukamenya ko ibirori vy’ukwibuka Ernest Manirumva vyabandanirije kw’isengero Cathedrale Regina Mundi, ahari abantu batari bake barimwo bamwe mu muryango wiwe, uwurongoye urunani rw’amashirahamwe FORSC, APRODH, OLUCOME, ACAT, CAFOB, COSOME, bamwe mu bamenyeshamakuru hamwe na Margarita Barankitse arongoye ikigo c’irerero ry’impfuvyi co mu Ruyigi, bose bakaba bari baje gusabira ku Mana Ernest Manirumva yakwije kuri uwu wa kane imyaka itandatu agandaguwe bunyamaswa.


Aristide Nizigire

Messages

  • mutama abatutsi baramaze kukwifatira mugahanga mbeguwomanirumva mwamizamukanwa niweyarakomeye mugihugu komutatubwira uwagandaguye ndandadaye canke ntimwaribwavuke igihe bamugaritse biratangaje cane !!!!birbonekako mucamafaranga kuko abayabaha bababwiricomukorerako yabataruko ujugamdagurwa kwandadaye kwasize intanonyishi ntiwigezuvugako abamugandaguye bazopfabangara kuberigitsure cabagukoresha ntajuri muzopfamutoye mudahereye kwitsitso ryintambara ntimurigera mugarukira kumutamakazi nyina wandadaye ndabatwenzekweri hakubigikoresho nkawe natumanipfira

  • Nivy’ikuri mutama Mbonimpa. Abishe Perezida Ndadaye n’abafasha biwe, bobo ntibazopfa bayerera nka Gahini?

  • @ Kirundo, Harikindikintu utasesanguye kurivyovyavuzwe na Mbonumpa yavuzengo ngwace Manirumva bazopfabangara ariko nubwonyene twese tutazi abakoze iryobara wavyumvise koyagerageje kucashiramwo na Ndadaye kandimuvyukuri mumyaka yose iheze kuva Manirumva agandaguwe uwo Mbonimpa ntiyaribwigere avugira icarimwe ayomazina yabobahisi wewe rero nabobakorana bibajijeko bazanyemwo ibintuvyotuma twebwe abarundi twuvako atarinjavyi bibagirako uvuze urupfurwa Ndadaye ubukwiye nokucuvuga nabandibanyacubahiro nabandibarundi bishwe mwakiriyagihe! Arikorero kayamara nukoyavuzengo abice Manirumva ngobazopfa bangara, ariko abice Ndadaye ntiyavuze urwobazopfa urwarurwo! Mbonimpa nabandibameze nkawe rekandababwire abobose bakoze ayomashano cokinwe namwebwenyene mwiriza kunkeke yamajambo yokubiba urwanko muribeneburundi muzopfa ururenze urwo Gahini yapfiye Imana niyocabona ndabarahiye. Hanyuma namwe barundi barundikazi namwe rwaruka ndabasavye mumenye Ko intambara yivyamoko twayimazemwo imyaka irenga 40 ndasavyerero mumenyeko intambara yabantu bavuga ayamuhe itegerezwa kuzofata iyindimyaka irenga 40 ariko niyahera hazoza ikindi kizokimeza kudutesha umutwe mpaka, ivyovyose hariho abazozabarabihunga bongera bagaruka, icomwomenyarero nuko twese abarundi na Mbonimpa arimwo atahodutandukaniye nurwo Gahini yabonye nyuma yokwivygana Abel mwenewabo ngaha uravye uko usanga umwewese yipfuriza hariya nabariya akarorero urevye Mbonumpa ukoyanka umukuru wigihugu Nkurunziza ntahobitaniye na Gahini ukoyanka Abel.

  • Abo barongozi beza b’amashirahamwe nimubasonere ! ejo nibo bazobafasha muri mubibazo ! Abo n’abakozi b’Imana kandi umurimo bazowubandanya nokriuwowese abacokora

  • abo bantu ngo ni abagiraneza baze bahenda ibintazi,hari uwobona maggy abongetse amazosi ngo yafashije impfuvyi z’ubwoko bwose,bareke kubesha yari business nk’izindi,mu bana yareze ubu bakuze bazotwereke abana b’abahutu yafashije bakiga bagashika za universités,abo batutsi ibinyoma vyarabanyuze ariko ibuye riserutse ntiriba ricishe isuka,abo nibo bashakako dusonera,abicanyi gusa batumariye abacu,uyo we karavera ntaco mfise ndamuvugako ni ba bahutu b’abasuku badakoreye umututsi bibanka mu nda uyo ntanukumushavurira azopfa urwa mayugi,rochereau n’ibindi bihut vy’ibisuku vyariye amasumu mu batutsi batakibakeneye,!!

  • @vuganeza : nibaza ko udafise amakuru akwiye, kuko ntuba wubahutse kuvuga ko Maggy yareze abana b’Abatutsi gusa; ehe urabanza ubaze neza : abo yarihiye amashure y’i Buraya, nta mututsi arimwo, ni Abahutu gusa. Uwo bivugwa ko azomusubirira, ni Umuhutu yitwa Richard, uwo yarihiye amashure i Buraya ari nawe baguma bajana kwakira ubushimwe, yitwa Joselyne, ni Umuhutukazi, umudereva wiwe, ni Umuhutu. Ndagusavye ntusubire kuza uravuga ivyo utazi, kuko Abatutsi nabo bidoga bavuga ko yafashije Abahutu bonyene.

  • ahubwo mbonimpa turavye niwe azopfa nkagahini ati kuberiki uyumusi nigikoreshocabatutsi niwebakoresha muvyobakeneye nikiraro cabo bajabukirako kugira bashike kucobiofuza narabe atugirire amatohoza atahoyegamiye nkikobavyivugira atubwire neza uwishe ndandaye nabandi nurupfu reantaryamira abobabantu bari abategetsi bigihugu bakomeye kandivtwrmera ivyobibinetse abasigaye bose bizomenyekana ntibagume bamubwira icafatirako mugukorakazi kiwiwe kubera bocabamwima amaheta akoresha manirumva siwemutegetsi akomeyecane kurusha abo ndondaguye ivyoniyabikora ntakibazo ariko ntibazomwemerera jubera abobose bishwe nabatutsi gusa nawe nibobamukoresha ivyomvuze hagire uwumpinyuza

  • mbega Mbonimpa, Ndadaye ko utamuvugira kandi yishwe urwagashinyaguro kuriwewe abamwishe ntibikenewe ko bamenyekana kubera ko aru muhutu? uri intozo kweri ntahutaniye na Ngeze. sakirimi kibi yatanze umurozi gupfa

  • Kuri simbikangwa na Kirundo , mukwiye kumenya ko Ndadaye yari umukuru w’igihugu, rero ni igihugu gitegerezwa kuraba ivyiwe mukubitohoza no gushengeza abakoze iryo shano.
    Hama kirundo nawe ati mutama mbonimpa, abatutsi baramaze kukwifatira, none ingorane zoba ziri hehe ko abo batutsi na mbonimpa nyene bavugira umuhutu yishwe bunyamaswa mumva ikibazo gihagaze hehe> Manirumva ernest yari umuhutu, ndadaye yari umuhutu, aha mukaba muriko murwanya mbonimpa nawe umuhutu, ariko avugira abo bahutu, none mumva muvahe mukajahe?

  • muranka abatutsi ntaco muzopfa mubagize muribwe muriyo mushishito yanyu inyo zisesekareyo muzoguma mubabona urumva ga nuwera nabagenzi bawe muzopfa mubabona ntaco muzobagira murakitwara agatwe mwamashetani mwe ubu ingorane ziri muburundi sivya bahutu na batutsi nnamashetani yateye uburundi bwacu.

  • @nzobandora et nzoza yunus
    Abatutsi bakoreye abahutu ikibi cinshi kirenze urugero ku buryo ivyo atari ivyo niboneye ntashobora kuvyemera,nta ciza nigeze ndonka ku mututsi atari ukwiyugumbira n’amarira bampaye,
    Hanyuma wa bugeserawe nzoza,imboga mbi ntiziva mu nkoko natwe mwasohoye ibigwanisho mwimbuye imyaka mirongo ine yose bivuye mu maboko yacu ntimwatumaze muracatubona,ubwoko bwa shetani ni mwebwe mupfuye muyerera isi yose aho mushitse ata numwe abaha nigwere kubera amashetani abakoresha ,aho mushitse hose mutangura kurya abo musanzeho babakiriye,ikibazo c’uburundi n’amoko kandi ntazopfa aheze,abahutu n’abatutsi nugusangira igihugu ,tukagabura ubusa burimwo gusa ntakindi,hanyuma umwe wese akamenya iwe,akamenya iyo ataha atavyo kwivayanga mu bo atazi!

  • mbonimpa kijuju.....abishe ndadaye kutabavuga bazopfa mumunezero ntangere...mbega kukorako ugasha?URYA WEWE ntavuze yokwereka wewe usigaye ufise ubwenge nkubwo umu bébé.....urihenda ubacishe mukanwa nkuko wirigwa uririmba dolufu na kazungu na wamahoro.....!

    uwishe kassi allain gute...?Ko wiyemera urapima urabe iyurihukira kandi mbere si nu mu générale haaaaaa.pima uvuge!!!!!!

  • ABAKOZE AKOKABI BARAKAYERERA NKAGAHIN

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.