Accueil > Amakuru > Ubutungane > ’’Agasorobo mu murwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira’’
’’Agasorobo mu murwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira’’
mercredi 16 Mukakaro 2014
Umudasigana azoja mu murwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira wese, azoba agiyemwo ku bwiwe, ntazoba aroyeyo ku bw’umugambwe wa Rwagasore, nk’uko bivugwa n’umushingamateka Karori Nditije arongye UPRONA itari mu nzego.

Umushingamateka Nditije, akavuga ko itegeko rishiraho umurwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira ryatowe n’umugambwe umwe rudende mu nama nshingamateka ariwo CNDD-FDD, mu gihe inama nshingamateka y’Uburundi irimwo imigambwe itatu. Umushingamateka Nditije akavuga ko umudasigana azoja muri uyo murwi wese,azoba agiyeyo ku nyungu ziwe, ko atazoba arungitswe n’umugambwe, mu gihe UPRONA wagize uruhara ruboneka mu masezerano y’i Arusha, amasezerano yategekanya uko amahoro yokomezwa mu Burundi.
Umushingamateka Nditije akaba yongeye avuga ko abantu bobatahura neza igituma iryo tegeko baryanse kuritora no kurirungikamwo abazoja gusesangura amabi yakozwe. Avuga ko riteye nabi, ndetse rinyuranye n’ivyo abarundi bari bumvikanye i Arusha. Avuga ko umudasigana wese yoba yarakoze amakosa muri kahise, yohanwa, kandi Abadasigana nabo, bakiyemeza kuzomugemurira aho azoba apfungiwe hose, ariko batazigera bashigikira itegeko ririmwo udusorobo, ritandukanye n’amasezerano bashizeko igikumu.
Ariko amakuru adushikira, akamenyesha ko n’aho abo bashingamateka b’umugambwe UPRONA banse gutora iryo tegeko, bamwe mu baporona boba baramaze kurungikwa amazina y’aboja muri uyo murwi wo kuymenya ukuri no kurekuriranira. Abo barungitswe, bakaba batanzwe na UPRONA ishigikiwe n’ubutegetsi, irongowe na Concilie Nibigira.
Aristide Nizigire