IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Laurentine Kanyana:’’ Abantu ni benshi mu mabohero kuko ari make mu (...)

Laurentine Kanyana:’’ Abantu ni benshi mu mabohero kuko ari make mu gihugu’’

jeudi 17 Kigarama 2015

Umushikiranganji w’ubutungane Aimee Laurentine Kanyana amenyesha ko igituma ibitigiri vy’abapfungwa ari vyinshi mu mabohero ari uko hari amabohero make mu gihugu kandi imanza zikaba ziteba gucibwa.

Mu gihe yariko asigurira abashingamateka ibijanye n’ubuzima bw’abanyororo mu Burundi,umushikiranganji w’ubutungane yavuze ko ikindi gituma abanyororo ari benshi ari uko abantu barwiriye bigatuma abakora ivyaha nabo barwira.

Aime Laurentine Kanyana yamenyesheje ko hari intara zidafise amabohero,bigatuma abakora ivyaha muri izo ntara bose bahurira mw’ibohero rimwe,naho amabohero ari yose yubatswe ku ntwaro y’ababirigi.

Mu ntumbero yo gutorera inyishu ico kibazo c’abapfungwa benshi mu mabohero ,umushikiranganji w’ubutungane yabwiye abashingamateka ko abanyagihugu bakwiye kwigishwa guharirana,kubana neza kandi idosiye ziri mu butungane zikirwa kare kugira zive mu nzira.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Uyumushikiranganji avuze ukuri, umvanamwe amabohero yaririho igihe u Burundi butaribufise abenegihugu bashika million 3 nanubu niyakiriho mugihe ubu abarundi bikuvye incuro zirenga 3 abakoramakoshanabo ubu basigaye basumvya ingurube ibonye aharivyodo. Ariko uyumushikiranganji yatweretse uburyo abarundi twogabanura ibituma abantu barwira mubusho, uvuzeneza ijamboryizango" turwize kwihanganiranira.

  • hahahahaha, aho reroniyaba amabohero ari menshi nkuko bifuza,bbofunze igihugu cose !! nibagabanye akarenganyo ko gufungira abantu ubusa, bakureho ayo marementanya kubantu bose badenderezwa, hama bafunge uwubikwiriye ,hama barabe ko amabohero atazogabanuka, atari uko ho barashaka niki gihugu cose bagihindure ibohero

  • jewe ndafumzwe ndamubaze nyakubahwa kuberiki abacamanza badryabiturire cane kandi batemvya nimanza kandi akabandanya avugako ibiturira batabidrya akabazo nazo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.