IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Akarusho ku badandaza binjiza ibidandazwa biciye amafaranga 2000 (...)

Akarusho ku badandaza binjiza ibidandazwa biciye amafaranga 2000 vy’amadorari

lundi 29 Nyakanga 2014

Abadandaza bazoba bazanye Ibidandazwa bifise agaciro k’amafranga agera ku miriyoni zitatu z’amarundi bagiye kuronka akarusho ko kworoherezwa ku mipaka mu kuriha amafaranga make ugereranije n’ayo bahora batanga.

Joas Katanga, umuyobozi ajejwe amadouanes, yamenyesheje ko guhera ubu abadandaza bazoba bifise ibidandazwa bifise agaciro k’amafranga 2000 vy’amadorari y’abanyamerika, n’ukuvuga hafi imiriyoni zitatu z’amarundi, bagiye kuhungukira kuko bagabanirijwe amafaranga bazohora bariha ku mipaka, ako karusho kakaba kahora gahabwa abafise ibidandazwa biciye ibihumbi amajana atanu y’amarundi gusa.

Iyo mpinduka rero ikaba yabaye mu ntumbero yo kworohereza abasanzwe bakura ibidandazwa vyabo hanze, mu ntumbero yo kubakaburira gutanga amatagisi mu muco, bakareka kuza barikika mu kiza batariha. Joas Katanga amenyesha ko hari izindi ngingo ziriko zirakorwa, mu ntumbero yo kworohereza abadandaza, iyo nayo ikaba ari kwugurura ahandi hokurihira.

Ariko rero Joas Katanga avuga ko naho biri uko, ntivyoroshe cane kuza barafata abo binjiza ibidandazwa batanze amafagitire atariyo, ariko amenyesha ko abasanzwe bajejwe kuyatoza ko bafise uburyo butandukanye bakoresha kugira bashobore kubona ko ifagitire ari iya magendu canke ari iy’ukuri. Amenyesha kandi ko abatozakori bo ku madouanes nabo nyene bashobora gutembera mu mangazini bakagereranya amafagitire canke naho bakaronderera ku mihora ngurukanabumenyi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.